Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 29/01/2022

Publié le 29 janvier 2022 par Rédaction
I. Umusoda yarishe umu civil amurashe, nawe aca yihindukirizako inkoho  ariyica. Ivyo vyabaye kuri uyu wa gatanu ku musozi Gihinga muri zone Mwaro. Uwo musoda yarasanzwe ari mu bacungera urugo rw’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza aho i Mwaro.Uwo munyagihugu yishwe nawe yari umudandaza yaramaze imisi atumvikana n’uwo yamugandaguye, nkuko amakuru ava aho i Gihinga abivuga.
II. Nta basoda b’abarundi bari mu gihugu ca  republika iharanira intwaro rusangi y’igihugu ca Congo. Ivyo bishikirizwa n’umushikiranganji wo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba Alain-Tribert Mutabazi. Hari kuri uyu wa gatanu ariko yishura ibibazo mu nama nshingamateka, aho asigura ko igikorwa c’abasirikare b’abarundi ari ico gukingira igihugu c’Uburundi, ko ata musirikare w’igihugu c’Uburundi ari i Congo. Ni mu gihe hamaze iminsi havugwa ko hari abasirikare b’igihugu barikumwe n’imbonerakure bamaze iminsi bajabuka baja muri ico gihugu.
III. Naho umushikiranganji wo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba abihakana, kuva mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu gushika ku wa gatanu haratahukanywe mu Burundi abasirikare n’imbonerakure bakomerekeye mu ntambara zimaze imisi zivugwa mu karere ka Kivu y’ubumanuko, mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Abakomeretse bose baciye bajanwa kuvurirwa ku bitaro hopital populaire vyo mu Kamenge. Muri abo bakomereka harimwo abaraswa na bagenzi babo iyo urugamba rwashushe.
IV. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye arabandanya kugabisha abarimu ko batohirahira ngo biyumvire kugira yegereyegere. Mu kiganiro yagiranye n’urwaruka  rwikorerera ivyabo kuri uyu wa gatandatu i Bujumbura, Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko agiye gufata amafaranga yose abarimu baterera mu mashirahamwe barimwo. Akaba yamenyesheje ko ariyo atera amanyama abaserukira abarimu. Ayo mafaranga nyene ngo ni na yo akoreshwa mu bwicanyi.
V. Kubwa Gervais Nibigira icegera c’uwurongoye ishirahamwe ry’abarundi b’intungane RCP, ngo amajambo yo kugabisha ama sendika y’abarimu yashikirijwe n’umukuru w’igihugu ni ubutumwa bukomeye yashatse guha abakozi bose ba leta bari bafise umugambi wo gusaba ko barenganurwa babicishije mu mashirahamwe y’abakozi. Akaba abivuze inyuma yaho umukuru w’igihugu agabishirije ama sendika yaraherutse kumenyesha ko agiye guhagarika akazi ariko akisubirako kubera ibiganiro bariko baragirana na leta. Nibigira Gervais abona ko umukuru w’igihugu yakoresheje amajambo atabereye ashobora no gutuma ibiganiro ataco bishikako.
VI. Inkino z’igikombe ca Afrika mu mupira  w’amaguru zirinjira kuri uno wa gatandatu mu gice ca kane gishira ica nyuma. Ni inkino atawari yiteze ko ibihugu vya Gambiya na Guinée Équatoriale bishika kuri iyo ntambwe, ariko bishobora no kubandanya vyerekana ko vyose bishoboka mu mupira w’amaguru. Muri izo nkino urwitezwe gusumba izindi, ruzohuza kuri uno w’Imana Maroc na Misiri.
VII. Haraheze igihe umuryango w’umukuru w’igihugu utunganya uko umwaka utashe ibikorane vy’amasengesho. Intumbero ikaba iyo gushimira Imana. Ikigabane “Kw’isoko” c’uno munsi kiza kurabira hamwe namwe ico gikorwa uko kiba gitunganije n’ico amategeko y’igihugu abivugako.

Ibindi bisa n'ibi