I. Ugupfungwa imyaka 7 n’amezi atandatu, ukuriha ihadabu y’ibihumbi ijana, ukwakwa uburenganzira bw’ugukora akazi ka leta akariko kose n’ak’imibano, ni vyo bihano sentare nkuru y’igihugu ya Ngozi yahanishije kuri uwu wa gatatu, Ezéchiel Minani yahora ari umwigisha kw’ishure rya Lycée urbain ryo mu gisagara ca Ngozi. Iruhande y’ivyo, azotegerezwa kuriha umuryango w’umwigeme yahora yigisha yashurashuje, indishi y’akababaro ingana n’amafranga imiriyoni zibiri. Iyo ndishi yose mu gihe itorihwa, Minani Ezéchiel azoca apfungwa umunyororo w’agatsindikiro w’imyaka cumi. Mukibuka ko urubanza rwabaye kuri uwu wa kabiri, aho Minani Ezéchiel yari yaburanye yiyemerera icaha.
II. Amabohero mu Burundi aracarangwamwo ikibazo c’ubwinshi bw’abanyororo, aho ubwinshi bwabo bugeze ku bice 280%. Ivyo biri mu cegeranyo c’umwaka wa 2022 c’ishirahamwe ACAT-Burundi, rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Kubw’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi, ukwikwega mw’ikorwa ry’ama dossiers y’abapfungwa, akazi gahabwa abatagashoboye, ibiturire hamwe n’ubutungane bidakora nk’ukwo bitegerezwa, ni bimwe mu bituma habandanya hibonekeza ubwinshi bw’abanyororo mu mabohero.
III. Hari akarwi k’abanyeshure bo mu kigo c’i Zege ca kaminuza y’Uburundi, mu gisagara ca Gitega, bihaye uruhusha rwo gushiraho amasaha ntarengwa y’ukwo abanyeshure baba batashe. Ako karwi kakaba kagizwe n’abanyeshure basanzwe bari mu mirwi y’iterabwoba y’imbonerakure, kakaba karara karakizura kugira bategeke ko abanyeshure bose batahira ku masaha gashaka. Abanyeshure bakaba bidoga kuko babishikirije n’ubuyobozi bwa campus Izege, ariko bukaba ataco bwabikozeko. Bagasaba abajejwe umutekano kubacungera, kuko iyo mirwi y’imbonerakure ata burenganzira ifise yo kwitwara nk’abajejwe umutekano.
IV. Imyidogo ni myinshi mu badandaza 245 bahora bakorera mw’isoko nkuru ya Kirundo. Bagiriza musitanteri wa komine Kirundo gutanga ibibanza vyo muri iyo soko yasubiwemwo n’ishirahamwe AGETIP Agence d’Exécution des Travaux d’Intérêt Public contre le sous-emploi, aho yaheze gusubirwamwo mu mwaka wa 2022, akoresheje ka mwana wa mama. Ikibabaje, ngo n’uko abari bahawe ibibanza, bavyatswe kuva mu kwezi kwa mbere uno mwaka. Abo badandaza basaba abategetsi bo ku rwego rwo hejuru harimwo umukuru w’igihugu, kubatunganiriza mu gihe bavuga ko batanze amafranga atari make kugira ngo isubirwemwo.
V. Imyidogo ni myinshi ku badandaza amakara bo mu gisagara ca Kayanza. Ni mu gihe igiciro c’umufuko w’amakara cigwije hafi kabiri. Amakuru dukura muri iyo ntara, amenyesha ko umufuko wahora ugura amafranga ibihumbi mirongo ibiri na bitanu, ubu ugurwa amafranga ari hagati y’ibihumbi mirongo itatu na bitanu n’ibihumbi mirongo ine. Abo bayadandaza bakamenyesha ko iryo duga ry’ibiciro ryisunga iduzwa ry’ibiciro vy’ibifungurwa.
VI. Inyuma y’ubwoba n’amakenga menshi vyari bimaze imisi bitekeye abanyagihugu n’abategetsi ku bijanye n’urukurukuru rwavuga ko indwara ya Ebola canke umugera wa Marburg uvugwa mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya, bivugwa ko izo ndwara zoba zarashitse mu ntara ya Muyinga, buramatari Jean Claude Barutwanayo arongoye iyo ntara arahumuriza abanyagihugu ko ata ndwara n’imwe muri izo, iri mu ntara arongoye. Agasaba abanyagihugu gusubiza umutima mu nda, bongere bakurikize amabwirizwa y’isuku, bagabanye uruja n’uruza mu gihugu ca Tanzaniya. Ivyo buramatari Barutwanayo akaba yabishikirije kuri uyu wa kabiri, mu nama yagirishije abanyagihugu ba zone Rugari muri komine ya Muyinga.