Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 29/04/2022

Publié le 29 avril 2022 par Rédaction
I. Ishirahamwe ry’abacitse kw’icumu n’abahuye n’urwimo rwo mu mwaka wa 1972 bita ihonyabwoko ryakorewe abahutu basaba leta y’Uburundi kwemeza ko habaye iryo honyabwoko, hagashirwaho n’amategeko ahana abarihakana. Ivyo vyamenyeshejwe na François Nsabimana, umuhuzabikorwa akaba anaserukira iryo shirahamwe imbere y’amategeko.
II. Abanyagihugu bo muri zone Minago ya komine Rumonge mu ntara ya Bururi, bavuga ko ivyo babonye ari ubwicanyi bita ihonyabwoko ryakorewe abatutsi. Joseph Bizimana w’aho mu Minago yacitse kw’icumu, avuga ko abavyeyi biwe n’abandi bo mu muryango wiwe bishwe abona, kandi bazira ubwoko.
III. Kubona umugwi ujejwe ukuri n’ukurekuriranira wemeza ihonyabwoko, ku bwicanyi bwabaye mu 1972, bikemezwa kandi n’inama nshingamateka, biragaragara ko vyavuye ku mvo za politike. Bishikirizwa na Vital Nshimirimana yanonosoye ibijanye n’amategeko. Kubwiwe, ihonyabwoko ryemezwa biciye ku butungane n’amategeko mpuzamakungu.
IV. Kumenya ukuri n’ukurekuriranira hagati y’abarundi, no gukurikirana mu butungane abagirizwa amabi atandukanye y’agahomerabunwa yakozwe mu gihugu birategekanywa n’amasezerano y’amahoro ya Arusha. Bishikirizwa na Frédéric Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu. Ku bwiwe, kubera umugambwe CNDD-FDD ariwo uri ku butegetsi, bamwe mu bawugize bakaba bagirizwa na bo nyene mu bundi bwicanyi bwabaye mu gihugu, ubwo butungane bufatiye kuvyabaye mu 1972 ntabwo bakeneye.
V. Leta ya Gitega ikwiye kugira ibishoboka vyose kugira ngo inywanishe abarundi bo mu bwoko bwose. Biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’urunani CFOR-Arusha. Babivuze mu gihe ku mataliki atandukanye yo mu kwezi kwa kane, abarundi bishira mu migwi mu kwibuka ababo bagandaguwe mu bihe bitandukanye. Ivyo ngo bikerekana ko abarundi banyengeterewe n’umugera w’amacakubiri.
VI. Abanyororo 574 bo mu mabohero yose y’igihugu ni bo barekuwe kuri uyu wa 29 Ndamukiza, kw’itegeko ry’umushikiranganji w’ubutungane.  Muri abo barekuwe harimwo 226 bo mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Gaudence Nasasagare, icariho c’umushikiranganji w’ubutungane yamuserukiye muri ico gikorwa mw’ibohero rya Mpimba, asaba abandi banyororo basigaye mu mahobero kwigenza neza kugira nabo baze batezurirwe ku bihano baciriwe.
VII. Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ACAT-Burundi rirashima ingingo yafashwe n’ubushikiranganji bw’ubutungane. Augustin Nimubona ajejwe kumenyesha amakuru muri ACAT-Burundi arasaba n’irekurwa ry’abandi banyororo bapfungiwe imvo za politike bujuje ibisabwa.
VIII. Ibiciro vy’igitoro vyaraye bisubiriye kuduzwa mu ntumbero yo kugira igitoro gisubire kuboneka mu gihugu. Iyo ngingo yaraye ifashwe n’ubushikiranganji bujejwe amasoko ntanganguvu ubutare n’agataka, inyuma yaho haciye amezi hafi abiri igitoro kitaboneka mu gihugu. Ibrahim Uwizeye, umushikiranganji abijejwe ni we yaraye asohoye itangazo aho avuga ko ata wundi muti atari ukuduza ibiciro, imvo akaba ari uko caduze iyo bakirangura.
IX. Iduzwa ry’igitoro ngo ni imwe mu nyishu zishoboka kugira ikibazo c’ibura ryaco kive mu nzira. Bisigurwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura ingendo. Avuga ko leta hari ibindi ibwirizwa gukora nko guheba amatagisi amwe amwe, be no kugwiza ifranga ry’agaciro mu Burundi, rikoreshwa mu kurangura ico gitoro.
X. Ukwezi kwose kurarangiye abanyagihugu baba ku mugwa mukuru wa komine Gasorwe yo mu ntara ya Muyinga bari mu kizima. Ibura ry’uwo muyagankuba rikaba ryatumye abanyamyuga batandukanye badasubira kurangura imirimo yabo, nk’ukwo amakuru ava muri bamwe baba aho ku mugwa mukuru w’iyo komine avyemeza.

Ibindi bisa n'ibi