Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 29/04/2023

Publié le 29 avril 2023 par Rédaction
I. Abarundi bari bakwiye gufatira akarorero keza ku rukundo abanyeshure b’i Buta berekanye, aho bose bemeye kwicwa bativanguye mu bwoko kuko ari abavukanyi. Bishikirizwa na muganga Claude Minani, arongoye ishirahamwe abagenzi b’abamaratiri ba seminari y’i Buta. Ni mu gihe kw’igenekerezo rya 30 Ndamukiza aho bukera, ari umunsi wo kwibuka abanyeshure mirongo ine bishwe banse kwitandukanya hishimikijwe ubwoko bwabo, bakemera bose kugandagurwa n’umuhari wagwana ico gihe FDD, ari wo mugambwe CNDD-FDD utwara igihugu uy umusi. Hakaba haciye imyaka mirongo ibiri n’itandatu bagandaguwe.
II. Abarundi rero ngo bategerezwa kuja hamwe, bagakura icigwa ku mabi atandukanye yashikiye Uburundi. Ako kamo n’ak’umuhari MAP Burundi Buhire, wasohoye urwandiko kuri uyu wa 29 Ndamukiza. Uwo muhari ukaba uhamagarira leta kureka gukora ibitandukanya abanyagihugu. Libérat Ntibashirakandi, umuvugizi wa MAP Burundi Buhire, afatira cane cane ku karorero ko mu mwaka wa 1972, aho leta y’Uburundi iguma yemeza ko ababuze ari abantu bo mu bwoko bumwe bw’abahutu. Ati abarundi bose barabuze ababo.
III. Indero y’abana itegerezwa kuraza ishinga yaba Leta, abavyeyi n’abo bose bafasha mu gisata c’indero, kugira ngo abana b’Uburundi bazogire kazoza keza. Ivyo bivugwa n’umuhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme, baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Ni mu gihe mu ntara ya Muyinga abajejwe intwaro n’amashirahamwe yitaho agateka k’abana bamenyeshereje ko muri iyo ntara, hari abana amajana abiri bari mw’ibarabara kandi bakaba ata n’inyishu babona yo gutorera umuti urama ico kibazo. Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, avuga ko ico gitigiri ari kikini cane, agasaba nyabuna abo bose berwa n’ico kibazo, gufata iya mbere kugira batorere inyishu hamwe.
IV. Abararira ibibanza vy’idandarizo mw’isoko nkuru ya Rumonge baridoga. Bavuga ko bamaze amezi atatu badahembwa. Amakuru ava muri iyo ntara akavuga ko boba bariko bagwa mu mporero z’inyinyurana hagati y’inama mpanuzwajambo ya komine Rumonge na komite ijejwe gutunganya isoko. Bakaba basaba ko botunganirizwa, kuko ata co bagihereza imiryango.
V. Uno musi, ikiganiro Kw’isoko kiza kuraba ibijanye n’ingingo iherutse gufatwa n’inama y’ikigo c’igihugu kijejwe gucungera amakuru mu Burundi CNC, ingingo ihagarika indirimbo zigera kuri 31 zihorwa kuba zicafuza imico n’akaranga vy’Uburundi.

Ibindi bisa n'ibi