Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 29/04/2024

Publié le 29 avril 2024 par Rédaction

 

 

  1. Kuruno wa 29 ndamukiza, n’itariki yibutsa igandagurwa ry’umwami Ntare wa gatanu n’ubundi bwicanyi bwakurikiye. Umuhari MAP Burundi uributsako ukwezi kwa kane kuva muri kahise kwagiye kurarangwamwo ubwicanyi butandukanye kuva mubwabaye mu 1972, ubwicanyi bw’abanyeshure bo lw’iseminari y’i Buta, ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu kitisunze amategeko ca Petero Nkurunziza n’ubwicanyi bw’abanyagihugu bwakurikiye. Kubwa Libérât Ntibashirakandi, umuvugizi w’umuhari MAP Burundi, mukwibuka ubwo bwicanyi bwose, usaba yuko ababukoze bakurikiranwa n’ubutungane, uwo muhari ugasaba abarundi kugendera iragi ry’ubumwe ryaranze abanyeshure b’i Buta. Kubwa Libérât Ntibashirakandi, umuvugizi w’umuhari MAP Burundi, kahise kategerezwa guha icigwa abarundi bakavavanura n’inryane zifatiye kubwoko n’amacakubiri yose.

 

  1. Abaguzi banywa inzoga zambiye zihingugwa n’ishirahamwe BRARUDI baridogera abandaza b’ivyo binyobwa ko bariko basongera isibe k’ubuzima mukuduza ibiciro vy’inzoga k’urugero rudasanzwe. Abaguzi bagasaba abajejwe intwaro muri komine Muyinga, gukurikiranira hafi iyo nyifato y’abadandaza ibinyobwa vya Brarudi mu ntumbero yo gukingira abaguzi.

 

  1. Ishirahamwe ryitaho ineza y’abaguzi, riratewe umutima uhagaze n’ubukene bw’ibinyobwa vy’ishirahamwe BRARUDI, rikanegura n’abadandaza bamwe bamwe baca bikika mu kiza mukuduza ibiciro uko bashatse. Pierre Nduwayo arongoye ishirahamwe ABUCO asaba ihinguriro BRARUDI kuva mu gacerere maze ikibazo kihari kikamenyekana. Kurikira.

 

  1. Abantu bose baba muri zone Gatumba ahantu haterwa n’amazi bategerezwa kwimurwa vyanka bikunze. Bivugwa n’umushikiranganji w’Itwaro yo hagati. Martin Niteretse yabivuze ku mus iwa gatanu w’indwi iheze mu nama yakoranye n’inzego zitandukanyezijejwe inyubako. Iyo nama yari igamije gutangaza aho abo banyagihugu bashobora kwimurirwa, n’uburyo ico gikorwa kizosaba. Martin Niteretse akamenyesha ko aho abo bantu bazokwimurirwa hamwe hamwe hamaze kumenyekana.

 

  1. Urunani CFOR ARUSHA ruhurikiyemwo imigambwe n’abandi banyepolitike batavuga rumwe na leta, rurashima ingingo ya leta yo kwimurira ahandi abo banyagihugu bashikiwe n’ivyago. Ariko urwo runani rubabazwa nuko abo banyagihugu bashaka kwimurwa ku nguvu ata nama n’ingingo bibaye. Urunani CFOR ARUSHA rusaba leta kudatwaza inguvu n’iterabwoba muri ico gikorwa , kugirango yirinde imyidogo y’ananyagihugu.

 

  1. Abigisha bo mumashule ari mw,ikambi y,impunzi za Barundi y,iLusenda muri Republika iharanira intwaro rusangi ya kongo co kimwe n, abaganga bo kubitaro bikuru biri mw,ikambi y,impunzi y, imulongwe bari muri yegeregere haraciye iminsi itari mike. Imvo akaba aruko baheraniwe agashirukabute k’amezi ane bahora baronswa n ;ishirahamwe HCR ryagiranye amasezerano n,abo barimu  co ,kimwe n,abaganga nabo bahora baronswa ako gahembo n,ishirahamwe AIDS.

 

 

Ibindi bisa n'ibi