I. Umukuru w’igihugu mushasha Evariste Ndayishimiye yaraye ashinze reta nshasha igizwe n’abashikiranganji 15. Irimwo abakenyezi batanu muri abo bashikiranganji 15. Abagize iyo reta nka bose, bakomoka mu mugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi. Ubushikiranganji bumwe bumwe bwateranijwe bugirwa ibisata bikukira ubushikiranganji bumwe.
II. Leta yaraye ishinzwe ngo biboneka ko iyo leta yiharijwe n’umugambwe umwe wa CNDD-FDD, kandi ko ibisata bihambaye vy’ubuzima bw’igihugu, vyashizwe mu minwe vy’umuntu umwe, kandi azwi mu mabi menshi. Uwo mwihwezo n’uw’uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, Frédéric BAMVUGINYUMVIRA, akabona ko leta ya CNDD-FDD isa n’iyitegurira intambara.
III. David GAKUNZI, umwanditsi akaba n’umumenyeshamakuru akurikiranira hafi politike y’Uburundi abona ko abarundi bagiye kuba mu ngorane zikomeye, mu gihe bari bashatse ko haba impinduka.
IV. Abarundi bahungiye mu karere ka Huye n’abo mu karere ka Kayonza mu gihugu c’Urwanda, nta cizere na gito bafitiye inzego nshasha z’igihugu. Kuri bo ngo n’ivyahuha bigiye guhuhuka kubera inzego zo hejuru, zigizwe n’abakoze ubwicanyi. Bamwe mu bavuganye na radio inzamba bahungiye muri ivyo bice vy’Urwanda.
V. Hari intumwa z’igihugu ca Tanzaniya ziriwe mw’ikambi ya Nyarugusu irimwo impunzi z’abarundi, ubutumwa zari zitwaye akaba kwari uguhimiriza izo mpunzi ngo zitahuke na rirya amatora yaheze, ubu igihugu gifise abatware bashasha. Komiseri araba ibibazo vy’impunzi muri ico gihugu Sudi Mwakibaki, ari we yari arongoye izo ntumw,a yaboneyeho akaryo ko gushimira amashirahamwe yigenga yafashije mu kugirango impunzi zikingire ikiza COVID19. Izo ntumwa zanasavye ko mu kurindira, abana boba barashirwa mu mashure gutyo indero ikagarukirwa kuko abana benshi bataciga. Ikindi cavuzwe kikaba kwabaye ukugabisha abacuruza ibifungurwa baba baronkejwe.
VI. Hari abantu 10 bashizwe ku rutonde rw’abagumutsi ku mutumba Mparamanyenye wo muri komine Kayogoro, intara ya Makamba nkuko amakuru avayo avyemeza. Abo bantu bazira kuba barerekanye amakenga bafise ku bijanye n’iyinjizwa ry’abantu baciye ku rubibe Tanzaniya ihana n’Uburundi aho i Makamba nkuko ayo makuru abandanya abimenyesha.
VII. Haribonekeza ubukene bw’amazi ku mabombo yo mu gisagara ca Rumonge. Amakuru ava aho muri iyo ntara, amenyesha ko bituruka ku miringoti igenda irameneka ntikorwe. Abanyagihugu bagasaba ko ivyo vyuma vyokorwa.