Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 29/06/2021

Publié le 29 juin 2021 par Rédaction
I. Umukenyezi umwe yishwe arashwe n’umupolisi muri karitiye Gisyo, zone Kanyosha mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura . Vyabaye  mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri. Intandaro y’urwo rupfu, akaba ari urubibe bapfa. Abanyagihugu bagasaba ko ata mupolisi yosubira gutahana ikirwanisho muhira.
II. Isekeza SOS Torture ryerekana ko abantu barenga 560 bamaze kwicwa kuva kw’igenekerezo rya 28 Ruheshi 2020.  Mu cegeranyo ryasohoye inyuma y’umwaka umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye agiye ku butegetsi, SOS Torture rivuga ko abagera ku 268 batowe ari ibiziga mu mihingo itandukanye y’igihugu, 350 barahagarikwa bidakurikije amategeko, 55 nabo barasinzikarizwa ubuzima.
III. Ihagarikwa ry’abanywanyi b’umugambwe CNL rirabandanya mu ntara ya Muramvya, inyuma y’igitero cabaye ku musi wa gatandatu  muri komine Rutegama.  Abarenga cumi ni bo bamaze gufatwa. Ivyo birateye umutima uhagaze abatavuga rumwe n’ubutegetsi basaba ko vyohagarara.
IV. Bamwe mu banyagihugu bo muri zone Kivumu, komine Mugamba y’intara ya Bururi, baridoga ko batangishwa igiturire kugira basohoke agasho k’igipolisi. Bakavuga ko bagirizwa n’igipolisi ko ari abagwanyi imbere yo gusabwa amahera ngo barekurwe. Amakuru ava ku mitumba Donge, Burasira na Kivumu muri zone Kivumu, yemeza ko kuva mu mpera z’indwi, hamaze kurekurwa abantu babiri harimwo umwigisha wo kw’ishule ECOFO Kivumu.
V. Umugambwe MSD uri muyitavuga rumwe na leta urasaba ubumwe bwa bulaya kugumiza ibihano ku Burundi. Ivyo biri mw’itangazo uwo mugambwe waraye ushize ahabona kuri uyu wa mbere. Uwo mugambwe uvuga ko uravye uko umutekano umeze mu gihugu, intambwe yari ikiri ndende kugira ngo ivyo bihano bikurwe ku Burundi.
VI. Umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka muntu mu Burundi CNIDH, waraye usubiriye guhabwa ikibanza bita statut A wari waratswe kuva mu kwezi kwa Nzero 2018. Ico kibanza kiwusubiza ijambo mu nama mpuzamakungu zijejwe agateka ka muntu. Urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike rusaba uyo mugwi w’igihugu, kwerekana ubwigenge bwawo koko mu kudasubira gupfukapfuka amabi akorerwa kiremwa muntu mu Burundi. Me Vital Nshimirimana arongoye FORSC avuga ko ari akaryo kuri uwo mugwi, ko gusubira kwikubita agashi mu kazi kawo ko guharanira agateka ka zina murundi wese.
VII. Uwurongoye ishirahamwe OTRACO hamwe n’umunyamabanga arongoye ishirahamwe ryiyemeje gushira ivya contrôle technique mu ntara zitandukanye z’igihugu, basezerewe mu kazi kabo.  Iyo ngingo yafashwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kuri uyu wa kabiri, mu rugendo yagize mu kigo ca Otraco i Gitega agasanga uwo mugambi utarashirwa mu ngiro, inyuma y’ikiringo bari bahawe. Iyo ngingo ikaba ishimisha ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta. Risaba guhagarika n’ayandi masezerano ariko arahombesha leta.
VIII. Inkino z’igice c’umunani gishira ica nyuma uno musi zirasozerwa n’urukino ruza guhuza Ukraine na Suède isaha zitatu z’ijoro. Urukino rwitezwe cane rukaza kuba isaha cumi na zibiri aho Ubudagi butana mu mitwe n’Ubwongereza. Muri Copa America naho, imigwi umunani izokina inkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma yose iramaze kumenyekana.

Ibindi bisa n'ibi