Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 29/06/2022

Publié le 29 juin 2022 par Rédaction
I. Ibisigarira vy’abasirikare b’Uburundi 11, baguye mu gitero cabaye ahitwa Ceel Baraf mu gihugu ca Somaliya, mu ntango z’ukwezi kwa gatanu, ni vyo bimaze gutorwa inyuma y’imisi itatu iheze. Abasirikare bari mu ngwano yo gusubira kugenzura ako gace no gutora ibisigarira vy’abasirikare bose bahasize ubuzima. Abo basirikare b’Uburundi bari mu nteko z’ubumwe bwa Afrika ATMIS. Ahaba hari ivyo bisigarira aba Al Shabab basiga bahateze ibisasu biturika bita mines.
II. Hari ingoro y’umugambwe CNL yo ku mutumba Nyaruganda muri zone Muhwazi komine Nyabitsinda intara ya Ruyigi, yaraye ibomowe mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri n’abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD. Ibaye ingoro igira kabiri ituriwe kuva kuri uyu wa Mungu.
III. Umugambwe CNDD-FDD wama ushira imbere ubugizi bwa nabi mu gutwaza igikenye abanyagihugu. Ivyo bishikirizwa na Aimé Magera, aserukira umugambwe CNL mu bihugu vya buraya. Aimé Magera agasaba leta ya CNDD-FDD guheba iyo ngendo y’ukujuragiza abanywanyi ba CNL.
IV. Biteye kubiri n’amategeko kubona Muganga Sahabo Christophe yahora arongoye ibitaro Kira Hospital yankirwa kuja gushingurana iteka umuvyeyi wiwe. Ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima, inyuma yaho Sahabo Christophe yimwe uruhusha n’abayobozi b’amabohero guherekeza ubwa nyuma umuvyeyi wiwe, kandi avyemererwa n’amategeko. Umushingwamanza Gustave Niyonzima akamenyesha ko iyo ngingo uretse ko iteye kubiri n’amategeko, ije kugira ngo itere ubwoba abandi bashoramari bo muri ivyo bitaro vya Kira Hospital.
V. Urugero igihugu c’Uburundi kigezeko mu kurya ibiturire, bizogorana kukirwanya. Bishikirizwa na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Leta. Abishikirije inyuma y’icegeranyo c’ishirahamwe Transparency International, kivuga ko ku bihugu 180 vyo kw’isi ryagizeko amatohoza mu vyerekeye ukurya ibiturire, Uburundi buza muri bitanu vya mbere kw’isi vyimonogojemwo ibiturire. Avuga ko ata gihugu covuga ko carenganijwe kuri urwo rutonde, kuko rukorwa n’inzego zemewe kw’isi, kandi zabanje kuraba neza ingene ibintu bimeze.
VI. Gabriel Rufyiri avuga kandi ko kugira ngo igiturire gishobore kugwanywa, hakwiye kuba impinduka mu bijanye n’intwaro n’ingene ibintu vy’igihugu bitunganywa. Atanga akarorero k’ikigo OBR, cungutse amahera atari make kubera cakoze impinduka mu gutoza amahera.
VII. Hari umwigisha wo kw’ishure Nshingiro rya Rwingiri muri komine Bugendana, ni mu ntara ya Gitega yagirizwa kuba yibiye ikibazo c’ibiharuro umwana w’umukobwa yiga mu mwaka w’indwi. Uwo mwigisha azwi kw’izina rya Twagirayezu Jean Baptiste, akaba adahakana ico caha.
VIII. Umuyaga usanzwe wonyene urakwiye kugira umugurure. Ni ko umuntu yokwibaza abonye uburaro bw’umupfakazi ari mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya. Ako karorero karerekana neza ubuzima bugoye impunzi z’abarundi ziba muri ico gihugu zibayemwo. Ingingo zifatwa zinaniza impunzi zibandanya zifatwa. Leta ya Tanzaniya na yo ikihoza ababandanya basemerera kugira impunzi z’abarundi zubahirizwe mu gateka kabo.

Ibindi bisa n'ibi