I. Sentare isubiramwo imanza ya Makamba, ihejeje gusoma urubanza rwari rwashizwe mu mwiherero, rw’abagirizwa gusahura no kwica abarundi baba bavuye guca amafaranga mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Iyo sentare ikaba yamenyesheje ko urwo rubanza rutagitohojwe rwongere rucibwe mu ntahe y’ikibiriraho. Rukaba ruzocibwa mu ntahe y’icese nk’izindi manza z’ivyaha. Hagati aho, abandi bantu 8 bashikanywe mu gasho k’igipolisi ca komine ya Makamba mu gitondo co kuri uyu wa gatatu, nabo nyene bavugwa muri iyo dosiye. Naho biri uko, abanyagihugu bo muri zone ya Bigina ahava abenshi mubagirizwa ivyo vyaha, bavuga ko batumva ingene Misago Zachée arongoye iyo komine adahagarikwa, kandi avugwa cane muri iyo dosiye n’abagirizwa ivyo vyaha. Bakabonamwo ukugomba gukingirwa ikibaba na Fidèle Nyabenda, arongoye parike yegamiye sentare isubiramwo imanza ya Makamba.
II. Bariyamiriza itahukanwa ku nguvu ry’impunzi z’abarundi hamwe n’abateshejwe izabo bakiri hagati mu gihugu. Abo n’abarundi babiri Frédéric Bamvuginyumvira et Apôtre Bernard Ntungwanayo. Babishize mu rwandiko rugenewe umunyamabanga mukuru wa ONU. Bavuga nuko bababazwa n’ingene iryo shirahamwe ataco rikora, ku mabi abandanya akorwa mu Burundi bakanerekana ingene ibintu vyifashe mu gihugu, hataragera ko abataye izabo bose bazisubiramwo. Umwe mu banditse urwo rwandiko Frédéric Bamvuginyumvira, yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu.
III. Urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique, FORSC, ruratewe impungenge n’icukurwa ry’amabuye n’umusenyi bibera ahubatse ishure shingiro riri Butuhurana, muri komine Isale, mu ntara ya Bujumbura. Kubwa Ernest Nkurunziza, umunyamabanga shingwabikorwa w’urunani FORSC, iryo shure rishobora kubomoka umwanya n’umwanya. Agasaba ababijejwe ko bofata ingingo zibereye, ibara ritaragwa.
IV. Abanyagihugu baba ahazoca ibarabara rya kaburimbo riva mu gisagara ca Gitega rija ahitwa Kwibuka, riciye muri karitiye Yoba, basaba kuronswa indishi ikwiranye n’ibizokwononekara mu gihe bazoba bariko bubaka iryo barabara. Aho ni mu gihe abatware ba komine Gitega bababwiye ko umuntu wese ibarabara rizogira ico rimwononeye, azohabwa indishi y’amafaranga ibihumbi amajana ane (400.000 Fbu). Amafaranga babona ko adakwiranye n’ibizononekara, bafatiye ku ruhombo bazogira n’ibiciro vy’ibikoresho vyo kwubaka uko vyifashe muri iyi misi ya none.
V. Ishirahamwe ry’abunguruza abantu mu Burundi ATRABU, ryatanguje ibikorwa vyo kwikingira COVID19, aho guhera kuri uyu wa gatatu abashoferi, abakokayi n’aba convoyeurs bose bagiye guhimirizwa kwambara agafukamunwa, mu gihe baba bariko bararangura imirimo yabo. Bosco Minani arongoye ishirahamwe ATRABU.
VI. Ugukurikirana abana mu miryango imwe imwe y’abarundi bahungiye mu gihugu c’Urwanda muri kino gihe amashure yugaye bivuye ku mugera wa corona, ntivyorohera abavyeyi. Radio Inzamba yaragendeye umuryango umwe wo mu buraruko bw’ico gihugu mu karere ka Rubavu. Umwanya munini abo bana bakaba bawumara bariko barakina, mu gihe abandi bangana, baba bariko barasubiramwo ivyigwa. Iyo nyifato igatera amakenga abize ivy’inyifato.