Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 29/07/2021

Publié le 29 juillet 2021 par Rédaction
I. Sabimpa Serge, umuganga wo kw’ivuriro rya Nyakaraye muri Komine Nyabihanga mu ntara ya Mwaro, yarabuzwe irengero, kur’uyu wa kabiri,mu gihe yari yatonze ku mirimo yiwe ya minsi yose.Amakuru av’aho I Nyabihanga ,amenyesha ko yatwawe n’imodoka iri mu bwoko bwa Probox.Umuryango wa SABIMPA Serge ugasaba kumenyeshwa aho uwabo ari bakamenyeshwa n’ico azira.
II. Umuyobozi atwara igisata c’imiduga mw’ishirahamwe rihingura icayi OTB riri i Tora muri commune Mugamba mu ntara ya Bururi, ari mu gasho k’igipolisi aho mu Mugamba kuva kuri uyu wa gatatu. Amakuru ava mu Mugamba, yemezako Éric Rugwingoga, akekwa gutunga ibigwanisho atabifitiye uburenganzira, ivyo abegereye umuryango wiwe bamirira kure.
III. Kuri iyo myidogo y’abanyagihugu bo mu Mugamba, uruganda rwa Radiyo Inzamba Agateka Kawe rurabashikiriza Arakaza Moïse batazira Nyeganyega arongoye igipolisi muri komine Mugamba, uwari we n’ivyagiye biramuranga mu kazi.
IV. Mu Burundi ukunyuruza abantu bikorwa n’abakozi b’inzego za leta kandi barazwi kuko hari igihe ico caha gikorerwa ku mugaragaro, imbere ya bene kunyuruzwa. Uko niko isekeza Ndondeza ribeshuza amajambo yaraye ashikirijwe n’umushikirizamanza kizigenza Sylvestre Nyandwi mu kiganiro yatanze ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu. Pacifique Nininahazwe akiyamiriza ayo majambo avuga ko ari ay’ikinyoma. Agasaba nyabuna ko uyo mushikirizamanza amenyesha imiryango iyo ababo bari kuko we yemeza ko bagiye mu migwi irwana.
V. Ayo majambo yashikirijwe n’umushikirizamanza mukuru wa Republika ateye isoni avuzwe n’umuntu yarajejwe kuraba ko umutekano w’umurundi wese wubahirijwe biciye mu matohoza y’ubutungane. Bivugwa n’uwurongoye umugambwe UPRONA utavuga rumwe na leta. Kubwa Karori Nditije, ngo ntiyarakwiye kwiyamiriza ayo mabi akorerwa ababurwa irengero atabanje kugira amatohoza y’ukuri. Ngo ni ingendo y’ugushaka gukingira abakoze ayo mabi. Kubwa Nditije, ngo mu gihugu c’amategeko yategerezwa kubogozwa vyihuta.
VI. Umushikiranganji w’amagara y’abantu Thaddée Ndikumana yaramenyesheje kuri uyu wa gatatu ko abarundi bagiye kuronswa urucanco rw’ikiza Covid-19 vuba babifashijwe n’ibanki y’isi yose. Ngo umunyagihugu azoronswa urwo rucanco ku gushaka kwiwe kandi uwo ruzogirira ingaruka mbi ntibizobazwa leta y’Uburundi. Kubwa Frédéric Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu ngo leta n’ireke kwigovyora, irinze yemera incanco niyemere zikoreshwe, ihimirize abanyagihugu kukamaro kazo.

Ibindi bisa n'ibi