Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 29/07/2023

Publié le 29 juillet 2023 par Rédaction
I. Imyidogo ni myinshi ku badandaza bo muri komine Nyanza-lac iri mu ntara ya Makamba. Ni mu gihe hibonekeza ikena ry’igitoro, bivuye ku ngingo ibuza kugitwara mu ma bidon. Amakuru dukura muri iyo komine, amenyesha ko iyo ngingo ituma imirimo mu mice yose ihagarara. Abakora imirimo itandukanye ikorerwa ku mugwa mukuru wa komine Nyanza-lac na kure yaho, bari barahawe uruhusha rwo kugitwara mu ma bidon, nabo bakaba barahagaritswe. Abo badandaza bagasaba ababijejwe gufata ingingo iborohereza mu kuronka ico gitoro, kuko ubuzima busa n’ubwahagaze muri iyo komine.
II. Abapolisi babiri bakora mu kigo rusangi mu ntara ya Kayanza bita mu rurimi rw’igifaransa Gichet unique, bikekwa ko bariye igiturire bapfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi mu Kayanza, kuva kuri uno wa kane. Ivyo bikaba vyatumye kuri uno wa gatanu imirimo ihagarara, kuko abaje gutora impapuro bari barasavye batashe zirayoye.
III. Iduzwa ry’icibiro vy’ibibanza vyo kudandarizamwo mu masoko ya leta bizohungabanya cane ibikorwa vy’urudandazwa, kandi bishobora gutuma n’ama tagisi leta ikeneye atazoboneka nk’uko bavyibaza. Bisigurwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM, rigakangurira abarundi guhindura ingendo. N’umwihwezo akoze inyuma yaho umukuru w’igisagara ca Bujumbura yavuze ko hagiye kuduzwa ibiciro kuri ivyo bibanza, biva ku bihumbi ijana bija ku bihumbi 600 y’amarundi. Ku bwiwe, ico n’ikibazo gikwiye kwigwa neza, kuko abarundi basanzwe bari mu bukene co kimwe n’igihugu.
IV. Isi yose yahimbaza umunsi wahariwe kurwanya indwara y’igitigu bita hépatite. Ikiganiro Kw’isoko c’uno munsi kiza kuraba uko vyifashe mu Burundi, hamwe n’akamaro ko kuyikingira.

Ibindi bisa n'ibi