Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 29/08/2020

Publié le 29 août 2020 par Rédaction

I. Abantu babiri baraye bishwe, abandi batanu barakomereka ku Mutumba Ndayi wa komine Mukike, mu ntara ya Bujumbura. Vyagizwe n’umugwi w’abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana. Iyo migwi inyuma y’aho ivugiwe mu ma komine ya Muhuta na Bugarama, ivugwa kandi mu ntara za Muramvya na Bubanza. Mu ma komine ya Muhuta na Bugarama no mu micungararo havugwa ifatwa ry’abantu, bivugwa ko boba bakorana n’iyo migwi.

II. Ubwicanyi, uguhunga igihugu, guhonyanga ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro harimwo no gutoteza abatavuga rumwe na leta, izo ni zimwe mu ngaruka zashikiye abarundi kubera ukutubahiriza amaserano ya Arusha amaze imyaka 20 ateweko umukono, hari italiki 28 ukwezi kw’umunani umwaka wa 2000. Professeur Charles Nditije arongoye umugambwe w’abadasigana Uprona utemewe n’ubutegetsi, asigura ko umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi watumye igihugu kigwa mu kaga, mu guhonyanga ayo masezerano.

III. Hari abanyororo 22 bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, kandi barahejeje ikiringo cabo co gupfungwa. Abo banyororo basabwa gutanga ihadabu baciriwe mu gihe bapfungwa kugira barekurwe. Ariko ivyo navyo biboneka ko ari ukurenganya umuntu yahejeje ikiringo co gupfungwa. Ivyo bisigurwa n’ishirahamwe rukristu ruharanira agateka ka muntu mu Burundi ACAT. Kubwa Jean Claude Ntiburumusi, arongoye igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe, avuga ko umushikirizamanza ariko ararenga amategeko. Agasaba umushikiranganji w’ubutungane kurekura abo bantu, bakaja kurondera ihadabu hanze.

IV. Ikigabane Kw’Isôko kitubwira ivy’itahukanwa rya zimwe mu mpunzi zo mw’ikambi ya Mahama mu Rwanda.

Ibindi bisa n'ibi