I. Amasezerano ya Arusha nta coza kiyasumba kugira amahoro agaruke mu Burundi. Ivyo biri mu rwandiko rwasohowe n’urunani CFOR Arusha ruhurikiyemwo abatavuga rumwe na leta ya Gitega, ku musi w’Imana igenekerezo rya 28 Myandagaro. Wari umusi wo kwibuka imyaka 22 ayo masezerano ashizweko igikumu. Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urwo runani agahamagarira kwubahiriza ayo masezerano kugira haboneke amahoro arama.
II. Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo, abona ko hari hageze aho amasezerano y’i Arusha yigishwa abana bariko baravuka, kuko ari ikintu gikomeye. Ku bwiwe ayo masezerano Uburundi bwashitseko nta muntu n’umwe ashobora kuyahamba, kuko ari ikintu gihambaye mu buzima bw’igihugu.
III. Umushikiranganji ajejwe ubutungane Domine Banyankimbona, kuri uno wa mbere, ni ho yatanguza icese mu ntara ya Gitega igikorwa c’amatora agiye kuba y’abahuza bo ku mitumba n’amakaritiye mu gihugu cose. Yamenyesheje ko ico gikorwa kigamije kwongereza inguvu ubutungane mu kunagura intahe yo ku mugina. Umushikiranganji Banyankimbona akaba yasavye abazotorwa ngo barangure ayo mabanga, gukora ataho bahengamiye, ata ka mwana wa mama, kandi bakarwanya igiturire.
IV. Mu gihe hasigaye ikiringo c’indwi zibiri ngo amashure atangure, abavyeyi mu ntara za Muyinga, barafise umwitwarariko ku biciro vy’ibikoresho vy’ishure biri hejuru cane, ugereranije no mu mwaka uheze. Nk’uko bamwe mu abavyeyi baganiriye na Radiyo Inzamba babimenyesha, uno mwaka igiciro c’ikaye imwe uko zigenda zirutana, hakaba hongereyeko amahera ari hagati ya 300 na 500. Basaba ubushikiranganji bw’ubudandaji gutunganya neza ibiciro vy’ibikoresho vyo mu mashure.
V. Mu gisagara ca Bujumbura, abanyagihugu bo muri zone Musaga baridoga ko bafise ikibazo c’amazi. Imisi itatu irahera ata n’ima rimwe babonye mu mihana yabo. Baca bikora ku mazi mabi y’uruzi Mpimba. Bagasaba ishirahamwe REGIDESO kurondera umuti w’ico kibazo.
VI. Abanyagihugu baba ku mugwa mukuru wa komine Gasorwe y’intara ya Muyinga barafise icizere ko bagiye kuronka amatara atangwa n’ishirahamwe REGIDESO, gutyo bakava mu kizime bari bamazemwo amezi ashika 4. Umushikiranganji w’amazi meza, amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka, Ibrahim Uwizeye, akaba yatanze uwo mwizero ku musi wa gatanu, mu nama yagiranye n’abarongoye ubuzi butandukanye mu ntara ya Muyinga. Akaba yarikumwe n’abakozi bakuru bakuru bo muri ubwo bushikiranganji. Ibura ry’amatara aho ku mugwa mukuru wa komine Gasorwe, ngo rikaba ryateye uruhombo imiryango, amatagisi ya komine ngo yaragabanutse n’ishirahamwe REGIDESO na ryo nyene ngo ryarahahombeye.
VII. Mu makuru y’inkino, Francine Niyonsaba yaraye atahukanye ikibanza ca mbere mu nkino zariko zebera I Lausanne mu gihugu C’Ubuswisse. Ihiganwa ry’amakaminuza mu nkino zitandukanye na zo zarasozerewe kuri uyu w’Imana ku bibuga vy’ishure kaminuza nderabigisha ENS. Na yo ihiganwa ry’umupira w’amaguru Primus Ligue rirabandanya.