Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 29/10/2020

Publié le 29 octobre 2020 par Rédaction

I. Hari umuntu yanyurujwe n’umwe mu bakozi b’iperereza ku musi wa gatandatu ku mugoroba, muri karitiye Gituro, ya zone Kamenge, mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, n’ubu abiwe batarigera basubira kumenya iyambu ryiwe. Abegereye umuryango wiwe bavuga ko bafise ubwoba n’amakenga ku mutekano w’uwabo, baravye imisi iheze bataramenya aho yoba apfungiwe n’ingene yanyurujwe.

II. Ifungwa ry’uwahoze ari umushingamateka Fabiyano Banciryanino rirabandanya guterwa ivyatsi n’abarundi bo mu mice itandukanye. Athanase Karayenga arongoye Fondation Bene Burundi, amenyesha ko ari ibara, ko ikibanza c’imvugakuri gisigaye ari ibohero, agasaba ko arekurwa vuba na bwango. Sentare nkuru y’igihugu ya Ntahangwaikaba ihejeje kwemeza ko uwo yahoze ari umushingamateka Fabien Banciryanino aguma mw’ibohero rya Mpimba.

III. Imanza zamaze kuba ntabanduka, na cane cane iz’abagize uruhara mu kwonona ubutunzi bwa leta, zigiye gushirwa mu ngiro. Ivyo biri mu migambi mikuru mikuru ya leta muri uno mwaka wa 2020 ushira uwa 2021. Iyo migambi ikaba yashikirijwe n’umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni. Hari kuri uno wa kane, imbere y’abagize inama nshingamateka na nkenguzamateka. 

IV. Impunzi z’abarundi iyo zahungiye ziragerageza kwibeshaho mu bikorwa bitandukanye. Marie Espérance Niyonsavye n’umurundikazi agira urudandazwa rw’amafi mu karere ka Rwamagana, mu buseruko bw’Urwanda;  avuga ko kuba ari mu mutekano ataco yikanga, vyamutumye yiyumvira ingene yokwibeshaho.

V. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno wa kane iminsi 374   bafunzwe.  Baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe kuri umwe umwe,  na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, mu ntara ya Bubanza. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Térence MPOZENZI na Egide HARERIMANA, bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ingingo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu babandanya biyamiriza.

Ibindi bisa n'ibi