Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 29/10/2021

Publié le 29 octobre 2021 par Rédaction
I. Ni nde azokiza abarundi ikiza ca Covid-19? Icibonekeza n’uko uno musi abarundi badafise uwo bataka, kubera abategetsi bamirira kure incanco, bakanka no gutanga akarorero mu kwicandagisha.
II. Umwaka wo gupfungwa vy’agateganyo be n’ihadabu ry’imiliyoni 2 z’amarundi, ni co gihano caciriwe musitanteri wa komine ya Nyamurenza, na sentare isubiramwo imanza ya Ngozi. Césarie Nizigiyimana yakurikiranwa ku bwicanyi bwahitanye Claver Sindayigaya, umutama w’imyaka 66 yishwe mu kwezi kw’icenda guheze, akuwe mu gasho ka komine yikekwa kuroga. Bamwe mu bo bari kumwe muri iyo dosiye baciriwe umunyororo wo guherayo.
III. Igihano caciriwe musitanteri wa komine Nyamurenza, gisa n’uko yejejwe. Binegurwa n’umushingwamanza Vital Nshimirimana. Kubw’uyo yanonosoye ibijanye n’amategeko, abonako Césarie Nizigiyimana yategerezwa gukurikiranwa nk’uwafadikanije muri ubwo bwicanyi. Kubwa Vital, ngo iyo ngingo y’ubutungane ibandanya yerekana ko ubucamanza butigenga.
IV. Umutama azwi kw’izina rya Juvin Ndabahinyuye yaraye arekuwe kuri uyu wa kane na parike ya republika, mu ntara ya Rumonge, inyuma y’ukwezi kurenga ari mw’ibohero rikuru ryo ku Murembwe muri zone Gatete. Uyo nawe yari yafashwe azira umuhungu wiwe yahunze, yari yagirizwa kuba ari mu migwi igwanya leta.
V. Abasirikare b’Uburundi bari kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya baheraniwe amafranga y’agahembo kabo arenga amezi indwi. Basaba abarongoye inteko zose za AMISOM gusaba reta y’Uburundi guhemba abasirikare bayo nk’uko bigenda ku basirikare bagenzi babo, bava mu bindi bihugu. Ivyo biri ukwo mu gihe igikorwa c’ ubutumwa bw’amahoro bwa AMISOM bw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, bitegekanijwe ko busozerwa mu mpera z’ukwezi kwa Kigarama uyu mwaka.
VI. Kuva umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yiyemeje kugwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, yarerekanye aho ako kabi kigaragaje, ariko ubutungane ntaco buriko burakora. Vyashikirijwe na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu. Ku bwiwe, ngo hategerezwa gusubizwaho inzego zigenga zigwanya igiturire, zigatohoza ku ma dosiye akomakomeye, abavyagirizwa bagakubitwa intahe mu gahanga.
VII. Abanyagihugu bo muri komine Kayanza baridogera abajejwe igisata c’uburimyi ku mvo z’uko bamaze igihe barindiriye guhabwa ifumbire barihiye amafaranga, ariko n’uwubonetse ntubakwire. Kuri uyu wa gatanu, bari bazindutse rero gutondera iyo mfumbire yo mu bwoko bwa FOMI ariko bataha uko baje,  kuko  babwiwe  ko yaheze.
VIII. Haribonekeza ubukene bw’igitoro mu ntara ya Makamba, haraciye amezi atatu. Iryo kena ry’igitoro rikaba ryarateye ingaruka mbi ku buzima bw’abanyagihugu.  Amafaranga yo kwiyunguruza yaraduze cane co kimwe n’ibiciro vy’ibintu vya nkenerwa.

Ibindi bisa n'ibi