Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 29/11/2019

Publié le 29 novembre 2019 par Rédaction

I. Uno musi ugize uwa 39 abamenyeshamakuru bane Christine Kamikazi ; Agnès Ndirubusa ; Térence Mpozenzi ; Egide Harerimana b’ikinyamakuru IWACU bafunzwe. Bafashwe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu uwu mwaka, bagiye gutohoza amakuru ku vyerekeye igitero c’abaroberi i Musigati mu ntara ya Bubanza. Bagirizwa gukorana n’abagizi ba nabi no guhungabanya umutekano w’igihugu. Sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa, iherutse gufata ingingo, ko baguma bafunzwe ariko kubijanye n’umu chaufferi wabo bari bamaze imisi bafunganywe yafashe ingingo yo kumurekura.

II. Leta y’u Burundi yaraye isohoye itangazo, aho yagiriza igihugu c’u Rwanda ko igisirikare caco arico cagize ibitero ku mutumba Twinyoni, zone Marura, muri komine Mabayi y’intara ya CIBITOKE, mw’ijoro ryo ku wa 16 rishira uwa 17 uku kwezi. Muri iryo tangazo, Leta y’u Burundi imenyesha ko ishobora gufatira ingingo igihugu c’u rwanda. Leta y’u Rwanda nayo ikaba yamirira kure ivyo yagirizwa na leta y’u Burundi, ikamenyesha ko leta y’u Burundi ata na rimwe yigeze itanga ivyemezo haraciye imyaka ine kuva mu 2015, uretse kuguma isohora amatangazo irwagiriza ; u Rwanda rukamenyesha ko rutazorera amaboko mu gucungera umutekano warwo.

III. Ku bwa David Gakunzi, umumenyeshamakuru akaba n’umwanditsi, Uburundi buriko buta amakosa ya bwo ku Rwanda mu kubwagiriza ko aribwo bwagize igitero ku basirikare b’Uburundi mu Kibira. Arerekana ingene Ubutegetsi buriho ubu, ari bo bwahonyanze amahoro mu guca kubiri n’amasezerano ya Arusha, no mu kugira ubwicanyi vyatumye hari abarundi bafata ibirwanisho.

IV. Urubanza rurerwamwo umumenyeshamakuru wa television y’abafaransa France 3, hamwe n’umwanditsi akaba n’umumenyeshamakuru David GAKUNZI, ari kumwe n’umushingwamanza w’umubiligi Bernard MAINGAIN, ruzosomwa kw’italiki ya 16 NZERO umwaka 2020. Urwo rubanza bari bitwariwemwo na Petero Nkurunziza arongoye Leta y’Uburundi, rukaba rwari rwungurujwe, hasabwa indishi inyuma yaho sentare y’ i Paris ishingiye ko ibirego vya Petero NKURUNZIZA bidafashe. Umushingwamanza LEF FORSTER aburanira abarerwa, asigurako ko igihe uwuburanira indishi yunguruje urubanza, hadakurikiye kwunguruza kwa parquet ku ngingo yari yarafashwe na sentare yaciye urwambere, ingingo yafashwe na sentare iguma ari ntabanduka.

V. Abahohotewe bashobora kwitura sentare mpuzamakungu CPI bari mu mirwi 2, bishikirizwa na Fadi El Abdallah avugira CPI. Abo nabo, ni Kiremwamuntu, n’amashirahamwe. Ivyo akaba yabivuze mu gihe amashirahamwe afasha ababuze ababo mu rwimo rwatewe n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, ari mu kiringo c’imisi 90 y’isekeza ryo guhimiriza abakorewe amabi kwitura Sentare mpuzamakungu CPI.

VI. Umupolisi azwi kw’izina rya Ponsiyano, akorera mu gisata co gukinga impanuka, no kugwanya ibiza mu ntara ya Muyinga, yarakubaguwe n’urwaruka rw’imbonerakure mw’ijoro ryo ku wa kane buca ari ku wa gatnu, ku mutumba wa Kinyota hafi y’umugwa mukuru w’intara, nkuko umwe mubabibonye yavyiganiye Radio Inzamba. Urwo rwaruka rw’imbonerakure, ngo rukaba rwari ruhagarikiwe n’uwurongoye umutumba wa Kinyota, yitwa Nzohabonimana. Uwo mupolisi akaba yakubiswe bamwagiriza ko yihagaritse iruhande y’icibutso c’umugambwe CNDD-FDD, cubatse muri quartier Gasenyi, ku rwinjiriro rw’umugwa mukuru w’intara, kw’ibarabara riva i Kobero. Abanyagihugu bavuganye na radio Inzamba, bakaba batangazwa n’ingene imbonerakure atawe zigera umutwe naho yoba uwujejwe umutekano.

Ibindi bisa n'ibi