I. Abakenyezi bo mw’ikambi y’impunzi z’abarundi bari i Lusenda mu gihugu kibanyi ca Congo iharanira intwaro rusangi barabangamiwe n’imigwi igwana y’aba Maï-Maï n’abanyamulenge. Bavuga ko bamwe bo muri iyo migwi babafata ku nguvu, uwuhirahiriye akabivuga aca yicwa. Abo bakenyezi basaba ababijejwe kubacungerera umutekano.
II. Ako kamo k’abakenyezi bafatwa ku nguvu mw’ikambi y’i Lusenda karaterwa kandi n’abaharanira agateka ka zina muntu. Urunani rw’abarundi baharanira agateka k’impunzi ziba mu makambi, CBDH-VICAR, rutera akamo ishirahamwe HCR n’abategetsi ba Congo ko bokwihutira gukora ibishoboka kugira bakingirwe. Léopold Sharangabo n’icegera c’uwurongoye urwo runani.
III. Amakenga ni menshi mu mpunzi z’abarundi ziri mw’ikambi y’i Nakivale mu gihugu ca Ouganda. Ni inyuma y’iburwa irengero ry’umwe muri izo mpunzi haciye amezi abiri. Izo mpungenge bakaziterwa n’uko haguma hahagarikwa abantu agasakisaki, aho mu gipolisi bamenyesha ko ari kumvo z’amatohoza. Izo mpunzi zikabonamwo nyabuna igipfungu muri ayo matohoza ariko arakorwa. Izo mpunzi zagiriza bamwe mu baserukira impunzi muri ico gihugu ko bari inyuma y’iryo hagarikwa ry’agasakisaki.
IV. Abantu babiri bo ku mutumba Muyebe muri komine Nyabihanga mu ntara ya Mwaro, bapfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi muri komine Nyabihanga kuva mu ndwi iheze. Bagirizwa kuba baragize uruhara mw’itemagurwa ry’abantu 2 ku mutumba Muyebe muri iyo komine ya Nyabihanga. Mu muryango w’abakorewe ikibi, basaba ubutungane gukurikiranira hafi iyo dossier kuko ngo hari bamwe mu ndongozi z’umugambwe CNDD-FDD muri iyo komine boba bariko barondera ingene bazimanganya ico caha, maze abafashwe bakarekurwa.
V. Abanyagihugu bo mu ntara ya Kayanza baridoga ko batemerewe kugura nk’uko bavyipfuza, ibigori vyegeranijwe n’ikigo ANAGESSA. Ni mu gihe kuri uyu wa mbere ariho hatangura igurishwa ry’uwo mwimbu bahereye ku mwimbu w’ibigori. Ariko rero uyo mwimbu ukaba wabaye muke cane, gushika aho hari bamwe mu banyagihugu bataronse na dukeya.
VI. Abakoresha igitoro co mu bwoko bwa essence mu ntara ya Muyinga barahagaritswe umutima n’ubukene bw’igitoro bwasubiriye kwibonekeza muri iyo ntara. Haraciye imisi itandatu ata n’ima rya essence ribonetse ku bituro vy’ibitoro bine biri ku murwa mukuru w’intara vyari bimaze imisi bikurakuranwa kwakira igitoro. Ingaruka mbi ry’ikena ry’ico gitoro zikaba zitatevye kwibonekeza. Muri izo ngaruka mbi, twovuga iduga ry’ibiciro ku bantu biyunguruza bava i Muyinga baja mu yindi mihingo y’igihugu, canke ikiguzi c’iritiro rya essence kw’isoko ya magendo, cagwijwe na 3.