-
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Varisito Ndayishimiye yasubiriye kwifatira mu gahanga igihugu c’Urwanda, aho yacagirije ko abateye mu Gatumba bakica abantu bashika 20, baje bava mu gihugu kibanyi c’Urwanda kandi basanzwe bafashwa nico gihugu. Yabivugiye kuruyu wagatanu mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru n’abanyagihugu mu ntara ya Cankuzo. Avuga ko bamaze imyaka ibiri bagira ibiganiro n’Urwanda kugirango abashatse barungikwe mu Burundi.
-
Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi INAMAHORO , ubonako imvugo y’umukuru w’igihugu Ndayishimiye yo kwagiriza igihugu kibanyi c’Urwanda , ari icitwazo kidafashe . Uwo muhari usigurako ari uburyo bwo kwanka kwemanga uruhara rw’ubutegetsi bw’igihugu , bagashima kwegeka amakosa ku bandi , ivyo navyo ngo nta muti bishobora kuzanira igihugu.
-
Marie Louise Baricako ariyamiriza kandi ubwicanyi buheruka guhitana abantu 20 mu Gatumba muri komine Mutimbuzi, kubw’iwe ivyabaye ngo vyerekana ko amasezerano y’amahoro y’i Arusha ashirimbere kunywanisha abarundi , atariko arakurikizwa. Asaba leta kwemera kuganira nabo bose batavuga rumwe kugirango igihugu kironke amahoro arama.
-
Umukuru w,igihugu Evaritse Ndayishimiye aremera ko igisirikare c’uburundi kiriko kirafasha ingabo za republika iharanira intwaro rusangi kurwanya umuhari M23. Ndayishimiye akavuga ko iruhande yuko akarere ka afrika y’ubuseruko karungitse ingabo gufasha kugarukana amahoro muri Congo igihugu c’uburundi na republika iharanira intwaro rusangi ngo birafitaniye amasezerano yo gutabarana iyo umwansi ateye.
-
Frederic Bamvuginyunvira arongoye urunani CFOR Arusha asigura ko amasezerano yo gutabarana atarakwiye kuba ikinyegezwa kuko igisirikare n’icabarundi kandi barakeneye kumenya niyo uburyo bakoresha iyo barungitswe muri iyo ntambara buva.
-
Sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Muyinga- yarahanishije ejo ku wa 4, igihe c’umuhingamo mu ntahe yayo y’icese umugabo yitwa Nshimirimana, avuka k’umutumba Ruganigwa, zone Cumba, komine n’intara ya Muyinga umunyororo w’imyaka 14. Nshimirimana yagiriwe n’icaha c’ubusuma akaba yaburanye yemera icaha. Uwo mugabo yari yafashwe k’umusi w’Imana mugatondo ahejeje kubomora icumba iyo sentare yari yabitsemwo ibidandazwa vyinjiye mu gihugu biciye mu nzira za magendo. Nshimirimana akaba yari yafatanywe imyambaro y’ibitenge 25, amakazu y’abakenyezi 35 hamwe rero n’imyambaro 4 y’imvutano z’abakenyezi nyeni. Uwo mugabo yaraye aciriwe ico gihano akaba yaheruka kurekugwa avuye mw’ibohero rikuru rya Muyinga, nta myaka 5 irahera.
-
Umuyobozi ajejwe ubutunzi mw’ishirahamwe Regideso akwiye kubogozwa kandi agakurikiranwa n’inzego zibijejwe kuko hari abantu babura igitoro kubera we. Ivyo vyashikirijwe kuruyu wakane na Daniel Gelase Ndabirabe umukuru w’inama nshingamateka imbere y’abashingamateka mungoro y’amakiraniro mukigobe. Abivuze inyuma y’imyidogo myishi y’abarongoye ama stations aho bavuga ko uyo ajejwe ubutunzi muri Regideso akoresha ka mwana wa mama mugutanga igitoro. Uyo arongoye inama shingamateka akavuga ko abashingamateka bamukuyeko amaboko.
-
Abana 52 harimwo abakobwa 2 bafise imyaka iri hagati y’umunani na cumi n’indwi (8-17) barahagaritswe n’Igipolisi mu gisagara ca Ngozi aho barara ku mabaraza y’inzu, mu mazu atarahera kubakwa canke aho basavye indaro ariko hadashemeye. Abashika 49 bava mu ma komine atandukanye y’intara ya Ngozi, batatu nabo bakaba baje bava mu ntara ya Kirundo. Abajejwe intwaro bakamenyesha ko bazobasubiza mu makomine baturukamwo. Ku bwo amashirahamwe aharanira agateka k’abana mu ntara ya Ngozi bakamenyesha ko ico gikorwa cakozwe ari ciza ariko ngo icari cihutirwa kwari uguca babajana mu miryango yabo ha kubapfunga ngo kuko ikibanza c’umwana si mw’ibohero.