I. Umunyororo w’imyaka ibiri n’amezi atandatu, hamwe n’ihadabu y’umuriyoni umwe, ku muntu umwe umwe, niyo ngingo yafashwe kuri uno wa kane na sentare nkuru y’igihugu, mu ntara ya Bubanza kuba menyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu. Nayo umu chauffeur Masabarakiza Adolphe yejejwe, ibikoresho vyari vyafashwe navyo bikaba bigiye gusubizwa ico kinyamakuru IWACU. Kubw’urunani rw’abamenyeshamakuru b’abarundi UBJ, ngo birababaje kubona umumenyeshamakuru ahanwa ahorwa gukora umwuga wiwe. Alexandre Niyungeko arongoye UBJ arafise umwizero ko bitazokwama ukwo, umunsi uri izina ubutungane buzokora.
II. Urubanza rwaciwe na sentare nkuru ya Bubanza, ngo n’urubanza ruteza isoni ubutungane bw’Uburundi kubera abamenyeshamakuru ba Iwacu ata caha bakoze. Umushingwamanza Janvier Bigirimana, icegera c’uwurongoye ishirahamwe FOCODE, aratera ivyatsi urwo rubanza. Asaba abarongoye ikinyamakuru Iwacu n’ababuranira abo bamenyeshamakuru, kwunguruza urwo rubanza kugira ubutungane buboneke kuri izo nzirakarengane bariko barazira akazi kabo.
III. Ugusubira gushira mu minwe yayo igisata c’ikawa leta, ngo sivyo bizotuma igisata c’ikawa cisununura gusumba. Faustin NDIKUMANA, umuhinga yigenga mu vy’ubutunzi ku mwihwezo wiwe abona ko kwigungirako igisata c’ikawa, atariyo nyishu ahubwo leta yategerezwa gukurikiranira hafi ibikorwa bijanye no gutunganya ikawa, kuva kw’irima no kugeza kw’ishoka ryayo. Faustin NDIKUMANA yibutsa ko hari bimwe leta itishoboza kandi n’umwirimizi atishoboza bisaba ko abarwizatunga bashoramwo imitahe.
IV. Ishirahamwe ry’abagenzi b’ibidukikije riratewe umutima uhagaze n’ukuntu imyuzurira y’amazi ibandanya guhitana abantu n’ibintu, hirya no hino mu gihugu na cane cane mu gisagara ca Bujumbura. Uno musi, iryo shirahamwe ribivuga rifatiye ku mvura y’igihuhusi yononye ibintu bitagira uko bingana, kuri uwu wa kabiri mu ntara za Bubanza ; Bujumbura Rural no mu gisagara ca Bujumbura. Rikanegura cane cane ko leta y’Uburundi ata gushaka gukwiye ifise, mu gikorwa co guhangana n’ihindagurika ry’ibihe. Mamert Sabushimike, arongoye iryo shirahamwe.
V. Abana barenga amajana abiri bo muri site ya Mulongwe, muri RDC, bagiye gusubira mw’ishure. Hari haheze amezi atatu, abavyeyi babo basaba ko abana babo bosubira kwiga, abo nabo baje bava mu makambi y’imfatakibanza ya Sange na Kavinvira. Kuva kuri uyu wa gatatu, ishirahamwe Action Aid ikaba iriko yandika abo bana kugira basubire kwiga. Ico gikorwa kikazohera kuri uyu wa gatanu.