Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 30/01/2021

Publié le 30 janvier 2021 par Rédaction
I. Umuntu umwe yaraye yishwe akubiswe ku mutumba Kazirabageni, muri komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba. Uwo yaraye yishwe azwi kw’izina rya Kabura, asanzwe aturuka muri komine Vugizo. Yakubiswe n’abagabo babiri gushika n’aho acikana, mu gihe yaragiye kwishuza umwe muri bo amafaranga 1500. Amakuru ava mu gipolisi ngaho i Nyanza-Lac, bakamenyesha ko abagirizwa ubwo bwicanyi bari mu minwe y’igipolisi.
II. Ibikorwa vyarahagaze mu buzi nka bwose kuri uyu wa gatanu no ku wa gatandatu, mu ntumbero yo kwakira Révérien Ndikuriyo aheruka gutorwa ngo arongore umugambwe CNDD-FDD, ku rwego rw’igihugu. Ivyo bikorwa vyahagaze mu ma komine ya Kayogoro hamwe na Makamba, abayobozi b’amashure bobo bategetswe kurungika abanyeshure kuja ku mabarabara kuva ku rubibe intara ya Makamba ihana na Rutana.
III. Umuyobozi w’inyigisho mu ntara ya Kayanza, Désiré Hatungimana, aridogera inyamiramabi aribo ba OPJ bo mu ma komine atandukanye yo muri iyo ntara. Yidoga avuga ko iyo hari abantu bafashwe bagirizwa gushurashuza ku nguvu abana b’abigeme, izo nyamiramabi ngo ntizihuta kubagirira dosiye. N’abajejwe intwaro ku rwego rw’intara baranegura iyo nyifato, itubahiriza amategeko.
IV. Abarundi bari mu makambi y’impunzi muri Tanzaniya, barafise ubwoba kuva aho indwi muri bo bahungutse ku musi w’Imana uheze basanze barwaye coronavirus. Mu runani CBDH-VICAR ruharanira agateka ka muntu mu makambi y’impunzi, bahamagarira leta ya Tanzaniya gufata ingingo zo gukingira izo mpunzi ico kiza, ngo ntihagire abo gihitana.
V. Uno musi, ikigabane Kw’Isôko gishimikira ku kamo karaye gatewe na Evariste Ndayishimiye k’ugutorera inyishu ivyatumye ibimenyeshamakuru bimwe bimwe bifatirwa ibihano mu Burundi.

Ibindi bisa n'ibi