Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 30/01/2023

Publié le 30 janvier 2023 par Rédaction
I. Imvura ivanze n’urubura yaraye iguye ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana muri zone Mparamirundi yo muri komine Busiga n’intara ya Ngozi, yarononye imirima itari mike y’ibiterwa. Ivyo vyashikiye imitumba itandatu ari yo Mutsinda, Kinyami, Mparamirundi, Magana, Nyanzatubiri na Magana. Urwo rubura rukaba rwononye imirima y’imyumbati, ibigori, ibiraya hamwe n’indugu z’ikawa hose ziri hasi. Abanyagihugu bahuye n’ivyo vyago bakavuga ko basigaye mu kangaratete. Bagasaba abajejwe intwaro n’abagiraneza kubagarukirako, na rirya bavuga ko batabona uko mu misi iri imbere bagiye kuzobaho n’ugutunga imiryango. Tubamenyeshe ko urubura nk’urwo rwaheruka kwibonekeza mu ndwi iheze mu ma komine ya Gatara na Gahombo yo mu ntara ya Kayanza ihana urubibe n’intara ya Ngozi, aho hononekaye imirima y’ibiterwa iri ku mahegitare arenga igihumbi.
II. Amafranga arenga imiliyoni 39 y’amarundi ni yo yamenyekanye ko yanyurujwe mu bitaro bitandukanye mu gihugu. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu Dr Sylvie Nzeyimana, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, ku vyaranguwe mu mezi atatu aheze. Yamenyesheje kandi ko aIbagirizwa ubwo bunyonyezi bari mu minwe y’ubutungane.
III. Ku bijanye n’ikiza Choléra, ubwo bushikiranganji bugiye kubandanya bugihagurukira mu bice bitandukanye vy’igihugu, mu kwigisha cane cane abanyagihugu amabwirizwa y’isuku. Dr Sylvie Nzeyimana.
IV. Abagwayi baja kwivuza kw’ivuriro ry’amaso « Clinique de L’œil » riri mu gisagara ca Bujumbura baridoga bavuga ko kugira ngo baronswe imiti n’amarori, babanza gutanga amafranga bakayaha abo bita « aba komisiyoneri » kugira ngo babibafashemwo. Bavuga ko batangishwa menshi, kandi ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, umutekano n’iterambere kuri bose, bwari bwarabibujije.
V. Imiryango igera ku bihumbi bitanu ni yo igiye kuzoronswa ibibanza vyo kwubakamwo uburaro mu ma karitiye ya Kizingwe, Bihara na Nyabugete mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo biri mu vyashikirijwe kuri uno wa mbere n’umushikiranganji Dieudonné Dukundane, ajejwe inyubako, aho yari aramutse ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji arongoye, muri aya mezi atandatu aheze. Umushikiranganji Dukundane akaba yamenyesheje ko izo nyubako zizoba zigerekeranije. Abatazoba bifuza kuja muri uyo mugambi bari bafise ibibanza, bazosubizwa amafranga yabo.
VI. Mu gisata c’inkino, ku ndwi igira 17 y’ihiganwa rya Primus league, inkino zarabandanije mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi. Ku munsi w’Imana, Vital’o yanganije na Musongati FC kimwe ku kindi (1-1), Bumamuru FC i Buganda yanyagiye Athletico New Oil 4 ku busa (4-0), Messager Ngozi yatsinze Olympic Star y’I Muyinga 2 ku busa (2-0), Flambeau du Centre itsinda Burundi Sport Dynamic 2 kuri 1 (2-1), Aigle noir na yo itsinda Kayanza United 2 kuri 1 (2-1). Ku munsi wa gatandatu naho, InterStar yari yatsinze Top Junior 2 kuri 1, Magara Young Boys itsinda Buja City na yo nyene 2 kuri 1; Tigre Noir inganya na Rukinzo kimwe ku kindi. Ku ndwi igira 17, Bumamuru ni yo ikiri kw’isonga n’amanota 38. Flambeau du centre iza mu kibanza ca kabiri n’amanota 36, ikaba inganya na Vital’o. Athletico New Oil n’ubu ikaba ikiri mu kibanza ca nyuma n’amanota 10 gusa.

Ibindi bisa n'ibi