I. Umwungere wa Ekleziya gatolika Papa Francisko yaremereye umukuru w’igihugu c’Uburundi ko azogendera Uburundi mu mwaka uza wa 2023. Vyamenyeshejwe n’umukuru w’igihugu kuri uyu wa gatatu igihe yaratahutse avuye i Vaticano. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarabonanye n’umunyamabanga wa leta ya Vatican. Uwo nawe bakaba baravuganye aha nini ibibazo vya politike, muri vyo harimwo kumenya aho amatohoza ageze kw’igandagurwa ry’uwahoze ari intumwa ya papa mu Burundi Michael Courtney.
II. Ikinyamakuru c’abongereza BBC casubiye kwemererwa gukorera mu Burundi, mu gihe cari kimaze hafi imyaka ine caratswe ubwo burenganzira, kikaba cari cugawe mu kwezi kwa gatanu, umwaka wa 2018. Ivyo bikaba vyashikirijwe na Ambassadeur Vestine Nahimana arongoye urwego rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi CNC. Iyo ngingo ikaba yavuye mu cegeranyo c’inama yari imaze iminsi ibiri ihuza abagize urwo rwego.
III. Iyugururwa ry’ikimenyeshamakuru c’abongereza BBC n’ikintu ciza cerekana ko hari ugushaka k’ubutegetsi mu kwugurura bimwe mu bimenyeshamakuru. Arnaud Froger arongoye ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe RSF, ikigo ca Afrika, asaba ariko ko iyo ntambwe yobandanya ukwo, ubutegetsi bukibuka ko bukwiye no kwugurura ibimenyeshamakuru bikorera mu buhungiro. Leta kandi ngo irakwiye no kubandanya muri iyo nzira, mu kwubahiriza uburenganzira bwo gushikiriza iciyumviro.
IV. Amazu indwi, imirima y’ibiterwa itaramenyekana uburinganire, ni bimwe mu vyaraye vyononywe n’imvura y’igihuhusi ivanze n’urubura yaguye ku muhingamo wo kuri uyu wa kabiri ku mitumba itandukanye yo muri komine Matongo, mu ntara ya Kayanza. Musitanteri w’iyo komine ahamagarira abagiraneza n’abanyagihugu bo ku mitumba atahuye n’ivyo vyago kubagarukirako.
V. Ingingo yo gukura amakinga, amapikipiki na TukTuk ifise inkurikizi nziza, hagati mu gisagara ca Bujumbura, nk’ukwo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca. Hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Amenyesha ko amasanganya yagabanutse, akaba ashimira igipolisi cavyiyumviriye. Uwo mushikiranganji akaba yizera ahubwo ko ayo masanganya azogabanuka cane mu misi iza.