I. Imyaka 23 iraheze abanyeshure 40 bo mw’isemineri ntoya y’i Buta mu ntara ya BURURI bagandaguwe, barashwe n’umuhari CNDD-FDD warwanya leta. Hari kuwa 30 Ndamukiza 1997, igihe abarwanyi babasanga mu buraro bwabo, babasaba kwitandukanya bafatiye ku bwoko, ariko baravyanka. Baca babacucagiramwo amasasu. Kuva ico gihe gushika n’ubu, intahe ntiyigeze ikubita mu gahanga abagirijwe kandi bakemanga ubwo bwicanyi. Uko umwaka utashe, abo banyeshure bo mw’iseminari ntoya y’i Buta baribukwa nk’incungu, zapfiriye umuvukano. Ibirori vyo ku bunamira uyu mwaka, bikaba bitegekanijwe ku musi wa gatandatu aho babashinguye hariya mw’iseminari ntoya y’ i Buta. Mwomenyako abo banyeshure hitezwe ko bagirwa abamaratiri b’umuvukano na ekleziya gatolika.
II. Igipolisi c’Uburundi kiragabisha umugambwe CNL ko utariko wigenza neza muri ibi bihe vyo kwiyamamaza. Mu mugambwe CNL nabo, bavugako baguma baburabuzwa mu bikorwa vyabo, mbere abavyitaba bagaheza bagatotezwa. Aho bavuga ko igipolisi gikingira ikibaba abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.
III. Mu gihe buca amakungu ahimbaza umunsi mukuru w’abakozi wama uba kw’igenekerezo rya 1 Rusama uko umwaka utashe, umukuru w’igihugu c’Uburundi yashikirije ijambo, aho amenyesha muri rusangi ko igihugu cifashe neza mu vy’ubutunzi, naho haheze igihe amakungu yarabuhariye ivomo. Kubijanye n’ikiza coronavirus, Petero Nkurunziza yamenyesheje ko ingingo zafashwe zikwiye, ko rero abanyagihugu bozikurikiza, ngo nayo ibisigaye Imana izobikora nkuko yamye irinda ivyago igihugu c’Uburundi kuva kera. Mukamenya ko umunsi mukuru w’abakozi mu Burundi uzohimbazwa ku civugo: “Twitabe amatora tudasize inyuma ibikorwa vy’iterambere ry’igihugu cacu, n’ingo zacu”.
IV. Urunani rw’ibimenyeshamakuru bitatu, Inzamba, RPA na Télévision renaissance ruheruka kugira itohoza kukugene leta y’Uburundi iriko iravyifatamwo mu gukinga ikiza Covid 19. Ibice birenga 80 kw’ijana c’abitavye iryo tohoza, bamenyeshako iyo leta iriko ivyifatamwo nabi cane, bagasaba ko vuba ibibanza bihuriramwo abantu benshi nk’amashure n’amashengero vyugarwa.
V. Ibihugu 9 vyo muri Africa harimwo Uburundi vyarafashe minenerwe mu rugamba rwo kurwanya ikiza coronavirus. Ivyo bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS. Mu nkuru yanditswe n’ikinyamakuru gisohoka buri ndwi co muri Afrika y’epfo « The Mail and Guardian », iryo shirahamwe rigashimishwa n’ibihugu vyinshi vyo muri Africa vyafashe iya mbere mu kurwanya ico kiza naho bifise amikoro make.
VI. Ibarabara rya Bujumbura-Kayanza kuri uno wa kane, imbere y’umutaga, ntiryarengana mu duce dutandukanye twa komine Matongo, biturutse ku mvura nyinshi imaze iminsi irwa muri iyo ntara. Imodoka ziva mu gisagara ca Bujumbura canke mu Kayanza zikaba zitashobora kurengana. Izitwara abantu zaca zihererekanya ingenzi kugirango zishobore kubandanya.
VII. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu barakwije kuri uno munsi wa kane iminsi 192 bafunzwe. Baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe, na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Abacamanza bari bashashe muri urwo rubanza, akaba yari Parfait Muvunyi yari arongoye intahe, Ihuwitonze Eric hamwe na Kaneza Clarisse asanzwe ariwe arongoye sentare nkuru y’intara ya Bubanza. Icariho c’umushikirizamanza, Ntamikevyo Jean Marie Vianney, akaba yari yabasabiye gufungwa imyaka 15. Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, i Bubanza. Bakaba bahagaritswe bagiye gutohoza inkuru muri komine ya Musigati, ahariko habera intambara hagati y’abitwaje ibirwanisho n’abajejwe umutekano. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Thérence MPOZENZI na Egide HARERIMANA bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.