I. Imyaka ibaye 25 abanyeshure bagera kuri 40 bishwe kw’iseminari ntoya y’I Buta mu ntara ya Bururi. Abacitse kw’icumu ico gihe bateguye imisa yo kwibuka abo banyeshure bari bishwe bafatanye mu nda mu budasa bwabo, kuko bari mu bwoko bwose abahutu n’abatutsi. Basaba ko ubutungane bwobuzuriza, abakoze ubwo bwicanyi bagasaba ikigongwe.
II. Kuri uno wa gatanu, ni ho umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yugurura umwaka w’ishure w’umwaka 2021 ushira uwa 2022 mw’ishure kaminuza rya gisirikare ISCAM. Umukuru w’igihugu akaba yasavye abo binjiye mu gisirikare muri promotion ya 51 ko baje kurwanira igihugu, bataje kugwanira imiryango yabo. Yabamenyesheje ko ivyo bajemwo bitandukanye n’ubundi buzi, ari co gituma bategerezwa kugira umutima rugabo, bakitegurira guseruka aho rukamvye.
III. N’aho ibitoro vyadugijwe ibiciro, nta kunguko karigera kaboneka mu ntara ya Rumonge. Amakuru dukura muri iyo ntara, avuga ko gushika kuri uwu wa gatandatu ata stations n’imwe iraronka ibitoro. Ivyo biriko biragira ingaruka ku bikorwa vy’amashirahamwe ya leta canke ayigenga amwe amwe, aho akora ahomba.
IV. Igihugu c’Uburundi kiri mu mugwi C ugizwe n’ibihugu vya Nigeria, Afrika Y’epfo na Botswana mu gikombe ca Afrika c’abigeme c’umupira w’amaguru, kizobera muri Maroc kuva igenekerezo rya 2 gushika irya 22 ukwezi kw’indwi. Iyo tombola rero yaraye ibaye ntiyorohereza Uburundi na gato. Buri kumwe na Nigeria yatwaye igikombe giheruka, na Afrika Y’epfo iri mu bihugu bimaze kwitabira izo nkino kenshi muri Afrika. Uburundi ariko igihe bwovyifatamwo neza, bushobora guhangana na Botswana na yo nyene ariho igihonyora mu nkino za nyuma za Afrika co kimwe n’Uburundi.
V. Ikigabane Kw’isôko c’uno munsi, kiza kwihweza ibijanye n’ururimi kavukire ari rwo Ikirundi, mw’ikoreshwa ryarwo.