I. Hari ikiziga c’umuntu catowe kuri uno munsi wa mbere ku nkengera z’uruzi Mugweji ruri muri komine Nyanza-Lac, mu ntara ya Makamba. Ikindi kiziga kikaba catowe ku munsi wa gatanu muri ico kibanza nyene. Abanyagihugu bakaba bafise amakenga, kubera abajejwe intwaro baca bihutira kubahamba hatabanje kuba amatohoza, ngo hamenyekane umwidondoro wabo.
II. Hari umunywanyi w’umugambwe CNL yafashwe arapfungwa n’uwurongoye umutumba Rusara muri komine Bwambarangwe, mu ntara ya Kirundo kuri uyu w’Imana. Yafashwe yagirizwa kwambara umwambaro uranga umugambwe CNL, mu gihe umukuru w’umutumba yari yategetse ko kizira kikaziririzwa kwambara ibiranga imigambwe kiretse uwuri ku butegetsi CNDD-FDD. Ababanyi bakabona ko ari agatotezo.
III. Ivyo vyashikiye uwo munywanyi w’umugambwe CNL ni kimwe mu vyerekana ko leta iriho uno musi, ishaka kugarukana intwaro y’umugambwe umwe. Bishikirizwa n’umuhari MAP BURUNDI-BUHIRE. Ukanegura ingene iyo leta idafata abanywanyi b’imigambwe yose co kimwe. Uwo muhari wibutsa iyo leta ko ibwirizwa gukurikiza amategeteko ajanye n’intwaro ya demokarasi, ikirinda intwaro y’igikenye kandi ikumira. Eric Nduwayezu, ni icegera c’umuvugizi w’umuhari MAP BURUNDI-BUHIRE.
IV. Imyimenyerezo ya gisirikare iriko ikorwa n’imbonerakure za CNDD-FDD muri komine Kayogoro, mu ntara ya Makamba, irateye umutima uhagaze abanyagihugu baho. Iyo myimenyerezo ngo ikorwa mu bucagucagu kandi igakorwa n’imbonerakure zo ku mitumba yose igize iyo komine.
V. Hari uruhigi rw’abanyamahanga baba mu gihugu ca Zambiya batabifitiye uruhusha be n’impunzi mu gisagara ca Lusaka. Igipolisi kuri uyu wa mbere cabandanije ico gikorwa catanguye ku wa gatanu uheze, nk’ukwo bivugwa n’abarundi babayo. Kuri uyu wa mbere, abantu bari hagati ya 500 na 1000 bari bamaze gufatwa nk’ukwo ayo makuru nyene avyemeza. Muri bo hakaba harimwo abarundi.
VI. Abanyeshure barenga 4000 bo mu mwaka w’icenda mu ntara ya Ngozi ni bo bazokora kuva kuri uyu wa kabiri, ikibazo ca leta kibaha uburenganzira bw’ukubandanya igice ca kabiri c’amashure y’inyuma y’amashure shingiro. Jean Pierre Ndikuriyo, umuyobozi w’amashure muri iyo ntara, amenyesha ko intambamyi nyamukuru ari ikena ry’igitoro cotuma ico kibazo gishikanwa mu ma komine yose. Leta yaratanze amafranga kugira ico gitoro kigurwe, ngo ariko haheze imisi ataho kiboneka ku ma station yo mu ntara yose.
VII. Ubukene bw’igitoro burabandanya kwibonekeza mu gisagara ca Bujumbura, n’aho kibonetse abakinywesha bashira mu ba bidons n’ingunguru ibituma abatondanye imodoka badashikirwa. Bamwe mu bagendesha imodokari bafise amakenga ko abanywesha mu ngunguru n’utu bidons boba ari abaheza bagakora urudandanzwa rwa magendo ku giciro c’umurengera. Basaba abarongoye igisagara gusubira gusuzuma ko ingingo bafashe zoba ziriko zirakurikizwa neza ku ma station.
VIII. Umugwi wa Rukinzo ni wo watahukanye igikombe c’uno mwaka mw’ishirahamwe rya volleyball I Bujumbura hasigaye urukino rumwe ngo ihiganwa rirangire. Muri basketball, umugwi wa Gymkhana ni wo uri mu kibanza ca mbere mw’ihiganwa rya VIVA basketball Ligue inyuma y’inkino zitanu.