Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 30/06/2020

Publié le 30 juin 2020 par Rédaction

I. Abadandaza bacururiza mw’isoko nkuru ya Rumonge, bararahira bakarengwa ko badashobora gusiga amazu bacururizamwo nk’uko babisabwa n’abarongoye komine, mu ntumbero yo kwitegurira umusi mukuru wo kwikukira. Bavuga ko batumva ingene bosiga amazu atari rwabo, kandi bayariha ku kwezi, bagasaba komine kuyasiga, nk’uko isiga ibindi bibanza rusangi.

II. Umunyororo wo guherayo hamwe n’indishi y’akababaro ingana n’imiriyoni 15 mu mafaranga y’amarundi, ni co gihano Sentare Nkuru ya Bururi ihejeje gucira umunyororo w’uguherayo umupolisi yitwa  Batungwanayo Célestin. Mu ntahe y’ikibiriraho yo kuri uwu wa kabiri, uwo mupolisi yagiriwe n’icaha co kwica kandi abiteguye umusore yitwa Méthode Nzeyimana. Uwo yishwe akaba yari asanzwe ari imbonerakure yo ku mutumba Burarana, akaba yarashwe ku wa 21 Ruheshi 2020, isaha zibiri z’ijoro. Amakuru ava aho i Bururi akamenyesha ko yariko arakizura muri iryo joro.

III. Kubona abantu bakomoka mu mugambwe CNL bataja muri leta irongowe na Bunyoni, ngo ntivyavuye mu gushaka kwabo ahubwo nyabuna ngo barakumiriwe. Bishikirizwa na Agathon Rwasa, arongoye uwo mugambwe; akamenyesha ko iryo kumirwa ataho rizoshikana igihugu, ngo ariko ko bazoja mu nama nshingamateka. Ijwi ryiwe tukaba turikesha Radiyo ijwi ry’Amerika.

IV. Abanyagihugu bari mu Burundi bavuga ko leta nshasha yaraye ishizweho atacizere na gito bayifitiye, bivanye na bamwe bamwe mu bayigize basanzwe bavugwako amabi atari make, mbere bakaba barafatiwe ibihano n’amakungu. Abo banyagihugu bakabona ko n’ivyari ibihuha bigiye guhuhuka, na cane cane mu bijanye n’umutekano n’iterambere.

V. Impunzi z’abarundi zahungiye mu bumanuko bw’ igihugu c’Urwanda, zimenyesha ko zagize uruhombo runini cane, kubera ikiza ca corona virus. Abari bagiye hamwe kugira ngo biyungunganye vyabaye ngombwa ko bahindura imirimo. Ariko bavuga ko babandanije bafatanye munda.

VI. Mu gihe mu Burundi buca bahimbaza umusi mukuru w’intahe yo kwikukira, amakenga ni yose ku banyagihugu cane cane abakozi ba leta bararitswe kwitabira Défilé y’ibirori vy’uyo musi mukuru mugihe havurwa ikiza c’umugera wa corona mu Burundi.

Ibindi bisa n'ibi