Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 30/06/2022

Publié le 30 juin 2022 par Rédaction
I. Hari imyimenyerezo ya gisirikare iriko ikorwa n’urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe CNDD-FDD, iriko ibera kw’ishure ryisumbuye riri ku mugwa mukuru w’intara ya Bururi. Abavyeyi barereye kuri iryo shure bakaba batekewe n’ubwoba bongera banegura ingene inyigisho za gisirikare zitangirwa kw’ishure. Ivyo bikaba biriko bikorwa mu gihe abanyeshure bari mu bibazo bisozera umwaka.
II. Hari umunywanyi w’umugambwe CNL wo ku mutumba Nyabugeni komine Busoni mu ntara ya Kirundo, amaze imisi 4 mu gasho k’inyamiramabi muri iyo ntara ya Kirundo. Umukuru w’uwo mutumba, amwagiriza kurandura umurima w’ibitunguru. Ababa kuri uwo mutumba, bavuga ko ari akarenganyo kuko abaranduye uwo murima batashoboye kumenyekana. Basaba ubutungane gukora igikorwa cabo, kugira ngo agatotezo gakorerwa abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi gahagarare.
III. Umuntu w’umupfumu arapfungiwe mu gasho k’igipolisi mu Gitaza muri komine Muhuta mu ntara ya Rumonge. Yagirizwa kuba yaragize uruhara mw’igandagurwa ry’umukenyezi yatowe ikiziga mu gitondo co ku wa kabiri uheze, ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika ahitwa mu Gasange. Imbere y’ukwo uwo mupfumu afatwa hari habanje gufatwa umukuru w’umutumba Gasange, uwo mupfumu nawe akaba yafatiwe muri zone Magara ya komine Bugarama kuri uyu wa gatatu uheze, aho bavuga ko yoba yariko arahunga.
IV. Ukudahana mu Burundi ni vyo biranga ubutegetsi bw’uno musi, na cane cane ku mabi atandukanye akorwa ku mvo za politike, bigakorwa na bamwe mu bajejwe intwaro canke imbonerakure. Ivyo bikaba biraje ishinga ishirahamwe IDHB rikwirikiranira hafi agateka ka zina muntu mu Burundi, nk’ukwo biri mw’ikete bandikiye umukuru w’igihugu, bakarishira ahabona kuri uyu wa kane igenekerezo rya 30 Ruheshi 2022. Carina Tertsakian, umushakashakatsi muri iryo shirahamwe, amenyesha ko hari uburorero 6 bwerekana uko kudahana ku mabi akorerwa muri bamwe mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, harimwo kunyuruzwa, canke kuborezwa igufa. Muri iryo kete, IDHB ikaba itera akamo umukuru w’igihugu kugira abagirizwa ayo mabi bose bakubitwe intahe mu gahanga. Carina Tertsakian, umushakashatsi muri IDHB.
V. Igihugu c’Uburundi nticateye intambwe mu vy’ubutunzi kuva kironse intahe yo kwikukira. Ivyo biri mu mwihwezo watanzwe n’ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura ingendo. Agarutse ku vyagiye biraranga imyaka 60 iheze, Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe avuga ko ubutunzi bw’Uburundi bwazingamitswe n’ibihe vya politike igihugu caciyemwo.
VI. Iryo shirahamwe rikangurira abarundi guhindura ingendo risaba ko leta yokwisunga ingingo zigera kw’icumi, kugira igihugu gitere imbere. Muri izo harimwo kwubahiriza amasezerano y’i Arusha n’ay’ubumwe bw’abarundi, be n’ibishikirizwa mu nteguro z’imigambi y’iterambere. Faustin Ndikumana.
VII. Abanyagihugu bo ku mugwa mukuru w’intara ya Rumonge baridoga ko ibidandazwa bimwe bimwe birangurirwa i Bujumbura biriko birabura muri ico gisagara. Ivyo bikaba biva kw’ibarabara ry’igihugu rigira gatatu RN3 rirengeje imisi indwi ridakora. Bakaba basaba leta ko yoshiramwo inguvu kugira ngo risubire guhita.
VIII. Imyidogo ni myinshi mu bagendesha amapikipiki ku mugwa mukuru w’intara ya Makamba, bidogera igipolisi ko kibaka igiturire kibanje kubafatira amapikipiki bakayabika. Aho mbere ngo badatinya no guta hasi uwuba ari kuri iyo pikipiki; abo bagendesha izo pikipiki bagasaba abayobozi b’igipolisi gukurikiranira hafi iyo nyifato y’abo barongoye.

Ibindi bisa n'ibi