I. Ubwicanyi bwasubiye kuba ndanse mu gihugu, aho ibiziga vyasubiye gutorwa hirya no hino mu gihugu. Muri izi ndwi 2 hakaba hamaze kumenyekana ibirenga 10 vyatowe. Abanyagihugu bakavuga ko batewe amakenga n’uko Leta nshasha itariko igwanya ubwo bwicanyi, mu kugira amatohoza abagiriye ikibi bagashengezwa imbere y’intahe, aho kwihutira guhamba ibiziga.
II. Ukunyuruza abantu kurabandanya kwiyerekana mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya, aho muri iri joro ryakeye umuntu umwe yaraye atwawe n’igipolisi co muri ico gihugu. Bamwe muri izo mpunzi bagasaba amakungu kuva mu gacerere agatora inyishu y’ikibazo cabo.
III. Ukurwanya igiturire bitegerezwa guca mu kwigisha no guhimiriza abanyagihugu ku ngaruka mbi zaco. Ivyo vyashikirijwe n’umuhinga mu vy’ubutunzi n’intwaro ibereye Faustin NDIKUMANA, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane. Uwo muhinga asaba umurwi wari washizweho n’umuhisi Président Petero NKURUNZIZA, ngo urabe abikika mu kiza mu gusahura amatungo ya leta mu mpera z’ikiringo, ko uwo murwi wotanga icegeranyo leta nshasha ikagikorerako.
IV. Elyse MISAGO aheruka gutorwa ngo arongore komine Burambi, mu ntara ya Rumonge kuri uyu wa kabiri, yaratanze imihoho mur’ico kibanza. Mw’ikete yandikiye umurwi wa komine ujejwe amatora, yavuze ko yabikoze mu kwubahiriza itegeko rigenga amatora.
V. Ishirahamwe ryitaho agateka ka muntu Iteka riranegura ingene ibiziga bitowe bica bihambwa, ata matohoza abaye ngo bamenye abo aribo n’icabishe. Uwurongoye iryo shirahamwe, agasaba leta guhagarika ubwo bwicanyi.
VI. Hari umuryango urimwo urwaruka rw’imbonerakure wahungiye mu gihugu ca Tanzaniya usiga ugurishije n’itongo. Uwo muryango uturuka ku mutumba Buringa, zone Murore, komine Busoni, ni muntara ya Kirundo. Ukaba uzwi ku ruhara wakoze mu gutoteza abaturuka mu migambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi.
VII. Imyaka ibaye ibiri hari itegeko ry’umukuru w’igihugu ribuza ikoreshwa mu Burundi ry’ubumwanya bita ama sachet vyonona ibidukikije. Ariko ivyo bikoresho bibandanya bidandazwa ukuri kwamye mu gihugu. Mw’isoko y’i Nyeshenza mu ntara ya Cibitoke aho bagenzi bacu bakubitiye, abadandaza n’abaguzi basaba reta gukora ivyo yiyemeje, mu gusubiriza ubwo bu mwanya kugira iryo tegeko ritebe rije mu ngiro.