Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 30/07/2021

Publié le 30 juillet 2021 par Rédaction
I. Leta y’Urwanda yashikirije kuri uyu wa gatanu abantu 19 bakekwa kuba ari abarwanyi b’umuhari Red Tabara, wiyemeje kurwanya leta y’Uburundi. Abo bantu bakaba ari abagabo bashikirijwe igisirikare c’Uburundi hari intumwa z’abaserukira ishirahamwe CIRGL. Muri leta y’Uburundi akaba ari umunezero. Ibiro vy’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye bikaba vyashimye iyo ntambwe yatewe n’Urwanda, leta y’Uburundi igasaba ko n’abagirizwa ko bashatse gutembagaza ubutegetsi bwa CNDD-FDD mu 2015 ku ntwaro ya Petero Nkurunziza boshikirizwa Uburundi.
II. Mu ntara za Ngozi na Kayanza, abanyagihugu basa n’abadohotse mu gukurikiza ingingo z’ukwikingira ikiza ca Corona. Amakuru ava muri izo ntara yemeza ko abantu babandanya kuramukanya bahana ibiganza, abandi bakarwana mu nda mbere hakaba hari n’abasomana.
III. Gutanga urukingo rw’ikiza Covid-19 si umugambi w’umuntu, n’umugambi wa leta. Leta y’Uburundi ni ireke gufata mpiri abanyagihugu, ibahimirize nyabuna bose ku mugambi ugiye gutangura wo gucandaga ikiza Covid-19. Ivyo bishikirizwa n’umuhinga mu bijanye n’indwara zandukira Come Konakuze, inyuma yaho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca yashikirije icese kuri uyu wa kane, ko leta ata mugambi ifise wo guhimiriza abarundi bose kwikingira ico kiza. Kubwiwe incanco zigira ziboneke zizoshingurwa mu bubiko, uwubishatse agende avyisabire acandagwe.
IV. Abanyagihugu basaba leta y’Uburundi kureka kwiteza utunyoni ahubwo igahimiriza abantu kuja kwicandagisha ikiza ca Covid-19, ku neza y’igihugu. Abanyagihugu baganiriye na radiyo Inzamba bavuga ko urucanco rwa Covid-19 ari ngirakamaro kubera ko ikiza gihanze isi yose.
V. Amabohero ya Mpimba, Gitega na Muramvya niyo yibonekezamwo ubwinshi bw’abanyororo batararekurwa kandi barahejeje umunyororo baciriwe. Ivyo biri mu cegeranyo casohowe kuri uyu wa gatanu n’ishirahamwe ACAT riharanira agateka ka zina muntu. Umushingwamanza Ntiburumunsi Jean Claude ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ACAT, avuga ko batewe umutima uhagaze n’abanyororo bagipfunzwe kandi barahejeje igihano cabo. Asaba umushikiranganji w’ubutungane kwubahiriza amategeko mu gutunganiriza abo banyororo.
VI. Gufata umuntu nk’uwunyurujwe, abiwe ntibamenyeshwe aho ajanywe ni icaha gihanwa n’amategeko y’Uburundi na mpuzamakungu. Bivugwa n’umushingwamanza Lambert Nigarura. Me Lambert Nigarura avugako ingendo mwene iyo ari na yo ivamwo ko umuntu aheza akaburwa irengero. Lambert Nigarura abivuze inyuma yaho muri iyi ndwi hanyurujwe mu ntara ya Mwaro abaforoma babiri. Amakuru atangwa akavuga ko abo baforoma bazira kuba barashize  ahabona ubunyonyezi bukorwa n’abarongoye ibitaro vy’i Fota  mu ntara ya Mwaro.
VII. Igenekerezo rya 30 z’ukwezi kw’indwi buri mwaka amakungu arahimbaza umusi wahariwe kugwanya urudandazwa rw’abantu. Uwo musi mukuru ukaba ushitse mu gihe mu gihugu c’Uburundi hamaze imisi itari mike hibonekeza urudandazwa rw’abantu bashorwa mu bihugu vy’abarabu. Ishirahamwe ryishinze kugwanya amabi ajanye n’urudandazwa rw’abantu ONLCT Où est ton frère ? riharura abarenga 300 bamaze kugurishwa kuva mu ntango z’uno mwaka. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU na ryo mu rwandiko ryasohoye kuri uwo musi mukuru, risaba ama Leta gutuza ako kabi.
VIII. Barekuwe inyuma y’amasaha arenga 20 bafunzwe. Abo nabo n’abadandaza bo kw’isoko nkuru ya Gitega . Bari bafashwe ejo ku wa kane mw’isakwa ryagizwe muri iryo soko. Bafashwe kuko badafise fagitire z’ibidandazwa vyabo. Ivyo navyo igipolisi kivyita ubusuma, ivyo bita fraude mu gifaransa.
IX. Abadandaza imiti mu mazu y’ubudandaji bita pharmacie baridogera igipolisi co mu ntara ya Makamba. Ivyo bikaba vyaturutse kw’isakwa ryakozwe kuri uyu wa kane mu ma pharmacie yo mu makomine agize intara ya Makamba baje gusuzuma imiti yataye igihe. Ariko abo badandaza bakaba batangajwe no kubona hambavu y’imiti, n’amafranga yose yari yacurujwe yarafashwe n’abo bapolisi.
X. Gushinga ibiciro biva mu vyimburwa mu Burundi bishinzwe na leta n’ibintu vyo kwitondera kugira habe umugambi wo guteza imbere koko uburimyi n’abarimyi. Ivyo bishikirizwa n’ishirahamwe PARCEM mu kiganiro iryo shirahamwe ryatunganije ku bamenyeshamakuru. Faustin Ndikumana arongoye PARCEM asigura ko leta yari ikwiye guha umwidegemvyo abarimyi n’abadandaza mu gushinga ibiciro vy’ivyimburwa vyabo.
XI. Faustin Ndikumana asaba kandi leta gukora ibishoboka vyose kugira ibindi bisata bisahirize igisata c’uburimyi, gutyo ubutunzi bw’igihugu bwisununure.
XII. Umunonotsi Francine Niyonsaba yaserukiye Uburundi mu nkino za Jeux Olympiques yakuwe mw’ihiganwa ry’i metero 5000. Mu mupira w’amaguru naho mu nkino za CECAFA z’abadashikana imyaka 23, Uburundi bwatsindiwe mu rukino rwa nyuma.

Ibindi bisa n'ibi