I. Abacamanza barenga 30 bagiye kwirukanwa mu gisata c’abacamanza. Vyamenyeshejwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye inyuma y’inama nkuru y’ubucamanza yabereye i Burasira mu ntara ya Ngozi. Umukuru w’igihugu avuga ko abo bacamanza baranzwe no kurya ibiturire hamwe n’izindi ngeso zitabereye abari mu rwego rw’abacamanza.
II. Kubw’umushingwamanza Vital Nshimirimana yahoze arongoye sendika y’abacamanza SYMABU, avuga ko ibihano vyafatiwe abo bacamanza ari vyiza ariko akanegura ko usanga ababifatiwe aha nini ari bamwe baba bagirizwa ko badakora ibishimisha abajejwe igendereza, canke abatwara umugambwe mu ntara. Akavuga kandi ko abategetsi mu butungane bakora amabi ariko bagakingirwa ikibaba n’ubutegetsi hamwe n’umugambwe, usanga ari benshi. Vital Nshimirimana arongoye urunani rw’amashirahamwe yigenga adaharanira ivyicaro vya politike FORSC.
III. Imyidogo ni yose mu banyagihugu bo muri komine Mutambu intara ya Bujumbura. Abo banyagihugu bidogera musitanteri yahora arongoye iyo komine aherutse kubogozwa mu mabanga yiwe kubera amakosa yagirizwa. Bagiriza uyo yahora arongoye komine kuba hari ivyo ataranguye yari yiyemeje, na cane cane isoko ya komine itari bwubakwe hamwe n’ibarabara n’ubu ritarakorwa yategerezwa gukora.
IV. Ishirahamwe IRC rikorana n’igisata ca ONU kijejwe impunzi mw’ikambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya ririko rirahimiriza impunzi z’abarundi gutaha. Kuva kw’igenekerezo rya 18 za kuno kwezi, riguma ritanga impapuro zivuga ko bazobatekerera amafranga n’ibintu ni bemera gutaha. Ngo mu vyo bazoronswa, nk’uko vyanditswe ku mpapuro ziguma zitangwa ku nzu ku nzu, ni amafranga ibihumbi 275 vy’amarundi k’uwukuze, ibihumbi 137 n’amajana atanu (137.500) ku mwana atarakwiza imyaka 18. Impunzi zivuga ko ari uwundi mukenyuro urimwo uruyeri rwo gutahukana impunzi. Zikavuga ko hataragera ko zitaha kuko ivyo bahunze harimwo umutekano muke, bikivugwa mu Burundi.
V. Abategetsi b’Uburundi bashimye kudakingira abanyagihugu barongoye mu kurwanya ikiza ca Covid-19, ni naco gituma ico kiza casubiye kurwirirana mu gihugu. Ivyo bishikirizwa na Come Konakuze, umushakashatsi ku ndwara zandukira n’ibiza mu bihugu vyo mu bumanuko bw’ubugaragwa bwa Sahara. Ku bwiwe, hari hakwiye gukurikizwa amabwirizwa yo kurwanya ico kiza mu gihugu cose. Ni mu gihe, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buherutse gusohora icegeranyo, aho bumenyesha ko ico kiza casubiye kurwirirana mu gihugu na cane cane mu bisagara vya Bujumbura na Gitega, aho havugwa abantu bangana n’amajana ane na mirongo ibiri na batatu 423, basanze bafise uwo mugera ku bantu ibihumbi indwi n’amajana ane na mirongo umunani na batatu (7483) bapimwe kuva itariki 23 gushika 25 Mukakaro z’uyu mwaka.
VI. Mu kiganiro Kw’isôko c’uno munsi turabira hamwe ibijanye n’isoko rusangi, umwe mu burusho buri mu muryango wa Afrika y’ubuseruko.