Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 30/08/2021

Publié le 30 août 2021 par Rédaction
I. Kuwa 30 ukwezi kw’umunani uko umwaka utashe, amakungu yahariye uyu musi kwibuka abantu baburwa irengero bakagenda mazimayongo, ivyo bita disparition forcée mu gifaransa. Mu Burundi abategetsi batandukanye kuva ku mukuru w’igihugu kugeza ku mushikirizamanza kizigenza wa republika, bavuga ko ubwo bubisha ataburiho.
II. Naho leta ya Evariste Ndayishimiye yemeza ko atababurwa irengero, imiryango y’ababuze irengero iracagandariye ababo. Akarorero n’aka Jules Niyongabo umunywanyi w’umugambwe CNL. Inyuma yaho ahatswe kugandagurwa mu mpera z’umwaka wa 2018, mu nyuma arahunga, abakozi batatu yakoresha mu nzu ijanye n’ivy’ubuhinga ngurukanabumenyi baciye banyuruzwa n’uwurongoye iperereza mu ntara ya Gitega. Hari mu kwezi kwa kabiri umwaka wa 2019. Kuva ico gihe imiryango nta makuru  y’ababo bafise.
III. Kubwa Pacifique Nininahazwe arongoye umugambi Ndondeza, abantu barenga 250 ni bo bamaze kuburwa irengero bafashwe hagati y’umwaka wa 2015 na 2021. Pacifique Nininahazwe akamenyeshako agiye guha vuba icegeranyo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yibonere we nyene ivyo amaze imisi ahakana.
IV. Nayo kubw’urunani CAVIB, rw’abashingwamanza baburanira abakorewe ivyaha bikurikiranwa n’amasentare mpuzamakungu, rirahamagarira amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu, hamwe n’ubutungane mpuzamakungu kwihutira gutunganiriza imiryango yabuze. Ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza Niyonzima Gustave, arongoye urwo runani.
V. Imiryango n’incuti vy’ababuzwe irengero mu Burundi babayeho mu gahinda n’imibabaro bidahera. Bishikirizwa na Ernest Nkurunziza yize ivy’inyifato. Akamenyesha ko guhakana ko ico kibi kidakorwa, ari ugukora mu nkovu ababuze ababo.
VI. Impfu z’abantu mu buryo budasiguritse zibandanya kuvugwa mu ntara ya Muyinga. Hari ikiziga c’umugabo w’imyaka 35 catowe ku mutumba Karama, komine Gasorwe, mw’ijoro ryo kuwa gatandatu rishira uw’Imana. Nk’uko amakuru ava aho i Karama abimenyesha, ico kiziga kikaba cenena aho kiboheye ku gishoro c’inzu mu cumba yarasanze aryamamwo. Mu ntwaro bakemeza ko yiyahuye, ivyiyamirizwa n’ababanyi biwe.
VII. Umutama w’imyaka 70 yaraye yishwe aturiwe n’abanyagihugu mu ntara ya Rutana. Uwo mutama akaba azwi kw’izina rya Karegeya yaba ku Mutumba Butovyi wa komine n’intara Rutana. Nk’uko amakuru ava kuri uyo Mutumba abivuga, ngo uwo mutama w’imyaka 70 yishwe yagirizwa uburozi ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana. Intandaro y’urwo rupfu ngo akaba ari amafaranga y’ikimazi ku mugore wiwe mukuru yaheruka kwitaba Imana, uwo mutama ngo akaba yasavye abana bo kuri uyo mugore ko bamuhako ikimazi nabo baravyanka. Umukobwa wiwe yankiye se ngo akaba yaciye afatwa aragwara, ari ko kwikeka ko yarozwe na se. Ababanyi ngo bakaba baciye bategeka se kumuvura nawe araheza arabikora.  Uwo mukobwa akize, abaraho ngo bakaba baciye barengera kuri uyo mutama barakubita mu nyuma bazana ivyatsi baramuturira mpaka acikane. Abarongoye uwo mutumba Butovyi bakaba bazindutse bafatwa, bajanwa mu gipolisi ca komine Rutana ku mvo z’amatohoza.
VIII. Abantu barenga 95 barakomeretse cane ku musi wa gatandatu w’indwi iheze mu ntara ya Muyinga, mu masanganya abiri yabaye uwo musi. Benshi muri abo bakomeretse bakaba ari urwaruka rw’imbonerakure, aho bamwe bariko baja guhimbaza umusi mukuru w’imbonerakure mu ntara ya Muyinga, abandi nabo bariko barataha bava mur’ivyo birori. Ababibonye bakavuga ko bari bagerekeranye mu biduga bitwara imizigo bita FUSO, zitemerewe gutwara abantu. Bikavugwa ko umuvuduko urengeje ari yo ntandaro y’ayo masanganya.
IX. Abasirikare 3 bo mw’ikambi ya Nyanza Lac nibo baraye bapfuye, 6 barakomereka bikomeye  mw’isanganya ryaraye rigizwe n’imodoka y’igisirikare. Iryo sanganya ryabereye ku mutumba Rukonwe wo muri komine Mabanda, mu gihe imodokari yarivuye gutora imfungurwa mw’ikambi ya Mabanda ibitwara i Nyanza-lac.  Nk’uko amakuru dukura mu gisirikare avyemeza, iryo sanganya ngo ryaturutse ku cuma bita transmission c’imodokari cacitse iriko iramanuka kuri uwo mutumba, iraheza ica igonga umusozi. Abahitanywe n’iryo sanganya bakaba baciye bajanwa mu bitaro bikuru i Nyanza-lac.
X. Amakenga ni menshi mu miryango y’abantu babiri bo muri site y’abateshejwe izabo y’i Campazi mu ntara ya Kayanza. Abo bantu bakaba bamaze imisi 10 bapfungiwe ahantu hatazwi gushika ubu. Amakuru y’abegereye abo bantu, avuga ko bafashwe n’abakozi b’iperereza. Ababo basaba ko bomenya aho bapfungiwe, kandi bakarekurwa kuko ataco bazira.
XI. Mu rukirikirane rw’isekeza ry’umuhari MAP Burundi; ku bijanye no kwibukanya amasezerano ya Arusha; umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize umwe mu baharanira agateka ka zina muntu, amenyesha ko amesezerano ya Arusha atashoboye gufasha abarundi gusubiza hamwe nk’uko vyari bitegekanijwe. Ku bwiwe amasezerano ya Arusha abategerezwa kuyashira mu ngiro ntibashize imbere igisata c’ubutungane, categerezwa guhana amabi yakozwe.  Tubibutse ayo masezerano ya Arusha yateweko umukono haraciye imyaka mirongo ibiri n’umwe (21), hari kw’igenekerezo rya 28 myandagaro  umwaka wa 2000.
XII. Umugwi wa New Star niwo  waraye utahukanye igikombe co gusozera ihiganwa rya basketball mu Burundi, utsinze Urunani ku manota 73 kuri 62. Mu nkino nazo za afrobasketball ziriko zirabera muri Kigali Arena mu gihugu c’Urwanda kuva igenekerezo rya 24 za kuno kwezi, imigwi ine kuri munani izokina igice ca kane gishira ica nyuma iramaze kumenyekana.

Ibindi bisa n'ibi