Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 30/08/2022

Publié le 30 août 2022 par Rédaction
I. Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 30 myandagaro, ni umusi amakungu yibuka abantu babuzwe irengero bari mu minwe y’inzego za leta. Mu Burundi abashika 81 barabuzwe irengero muri ubwo buryo, mu myaka ibiri Evariste Ndayishimiye amaze arongoye igihugu. Ivyo vyashizwe ahabona n’ishirahamwe FOCODE ari na ryo ryatanguje isekeza Ndondeza, ryo kurwanya bene ayo mabi. Mw’ikete yandikiye umukuru w’igihugu, FOCODE isigura ko ibitigiri vy’ababurwa irengero vyongerekanye ibice bigera kuri 38 kw’ijana ugereranije n’ababuzwe irengero babanje gufatwa n’inzego mu myaka ibiri ya nyuma y’ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza. Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE.
II. Pacifique Nininahazwe arerekana kandi ko ababurwa irengero aha nini ari abari mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD.
III. Birababaje kubona abantu baburwa irengero bigakorwa n’inzego zari zijejwe kubakingira. Ubuzima bw’umuntu burazimangana, umuryango wiwe ugasigara mu maganya. Bishikirizwa na Jérémie Minani arongoye umugambwe RDB, akavuga ko bitebe bitebuke, leta izobazwa izo nzirakarengane.
IV. Urunani CAVIB rw’abashingwamanza rwishinze kuburanira abashikiwe n’ivyago kubera intambara yadutse mu Burundi mu mwaka wa 2015, rurahumuriza imiryango y’abanyurujwe, bayibwirako imanza ziriko zigenda neza mu ma sentare mpuzamakungu. Iryo shirahamwe rikaba ryizeyeko impera n’imperuka abakoze ivyo vyaha bazofatwa bagakubitwa intahe mu gahanga. Gustave Niyonzima arongoye ishirahamwe CAVIB, yibutsako icaha nk’ico kitagirirwa ikigongwe canke ngo cibagirwe.
V. Umukenyezi w’imyaka yababa 30 azwi kw’izina rya Niyonzima wo ku musozi Kajaga, komine Nyamurenza, yatowe ikiziga mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri mu mwonga wo kuri uwo musozi. Abamwishe ntibamenyekanye, ariko mu gipolisi bavuga ko amatohoza kuri urwo rupfu yatanguye.
VI. Umukukuruke mu gisirikare yaraye yishwe n’umupolisi w’igihugu amucumise imbugita ku mugwa mukuru w’intara ya Makamba. Ubwo bwicanyi bwabereye muri quartier Nyaburumba iri ku mugwa mukuru w’intara ya Makamba, hari mw’ijoro ry’uyu wa mbere igihe c’isaha 5. Uwo yaraye yishwe azwi kw’izina rya Thérence akaba yacumiswe n’umubanyi wiwe Bonaventure Niyongabo asanzwe ari umupolisi muri komisariya ya Makamba, nk’uko vyemezwa n’ababanyi babo. Uwamucumise yaciye yishikana mu gipolisi, ngo akaba amenyesha ko yamwitiranije n’umusuma. Ababanyi hamwe n’umuryango wabuze bavuga ko ataco bari basanzwe bapfa.
VII. Icuka ni kibi hagati y’abajejwe intwaro n’abarondera igitoro muri komine Nyanza-lac, mu ntara ya Makamba. Abarondera igitoro bagiriza abajejwe intwaro ko ari bo bakora urudandazwa rwa magendo iyo kibonetse.
VIII. Habandanya hibonekeza imirongo miremire y’abakeneye igitoro ku ma station atandukanye mu gisagara ca Bujumbura. Hamwe bakaba baba bariko baragitanga, mu gihe ahandi ho abatonda babikorana umwizero kuko atakiba kiriho. Ni inyuma y’iminsi itanu ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bwemeje ko igitoro leta yazanye kigiye gutangwa. Abanyagisagara ca Bujumbura basaba ko ico gitoro cotangwa kugira haboneke umuti kuri ico kibazo.

Ibindi bisa n'ibi