I. Nimba umumenyeshamakuru wese ategerezwa gucibwa urubanza agapfungwa kubera yahaye ijambo abatavuga rumwe n’ubutegetsi, nta mwuga w’ukumenyesha amakuru uzoba ukirangurwa mu Burundi, canke kw’isi. Bishikirizwa na Antoine Kaburahe arongoye ikinyamakuru Iwacu. Ni mu gihe uyu munsi umwaka urumanye umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye apfunzwe. Kubwa Antoine Kaburahe, ngo nta caha uwo mumenyeshamakuru yakoze cotuma apfungwa imyaka cumi.
II. Na yo amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yo ati, nimba umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ashaka ko imvugo yiwe ijana n’ingiro, n’abwire ubutungane burekure umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye, ata kirinze gusabwa, yongere abuze leta arongoye kwifatira mu kwaha igisata c’ubutungane. Biri mw’itangazo ryasohowe kuri uyu wa gatatu n’amashirahamwe ane aharanira agateka ka muntu n’ak’abamenyeshamakuru. Ayo mashirahamwe nayo ni ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi IDHB, Amnesty International, Human Rights Watch, na Comité ikingira abamenyeshamakuru. Carina Terstakian arongoye ishirahamwe IDHB, yagize ico ashikirije kw’izina ry’ayo mashirahamwe ane.
III. Kunyuruza abantu bakaburwa irengero ni bumwe mu bwicanyi bukorerwa mu Burundi, bukozwe n’inzego za leta zishigikiwe na bamwe mu bategetsi b’Uburundi bo hejuru. Ivyo bishikirizwa na Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE kuri uyu munsi amakungu ahimbaza umunsi wahariwe ababuzwe irengero. Pacifique Nininahazwe, arongoye n’isekeza Ndondeza, aributsa bamwe mu banyurujwe mu minsi iheze ya vuba, umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH ntihagire na kimwe uvuga. Ivyo kandi bikaba mu gihe umukuru w’igihugu Ndayishimiye yari yiyemeje ko agiye gukwirikirana abakora ico caha.
IV. Nayo mu runani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi akurikiranwa n’ama sentare mpuzamakungu, CAVIB, babona ko ivyaha bitababarirwa vy’abantu baburwa irengero bicibonekeza mu gihugu, kubera ubutungane bwo mu gihugu butarashobora guhana ababikoze kuva mu mwaka wa 2015. Niko urwo runani rw’abashingwamanza baburanira imiryango y’abarundi bakorewe amabi akurikiranwa n’amasentare mpuzamakungu CAVIB rubibona. Mw’itangazo urwo runani rwasohoye kuri uno munsi wahariwe ababurwa irengero, umushingwamanza Yves Runyagu ajejwe imigenderanire muri CAVIB, anegura ko benshi mu bakekwa kuba barakoze ayo mabi, basanzwe ari abakozi b’inzego za leta. Asaba abarundi muri rusangi kwanka no kwiyamiriza ako kabi kabishe, agasaba n’imiryango y’abakorewe amabi kurema kuko ama dosiye yabo ari imbere y’ama sentare mpuzamakungu.
V. Abantu babiri bari muri bamwe umunani baheruka kurekurwa n’ubutungane bari bagirizwa ko batemaguye abantu n’imipanga muri komine Bururi, barabuzwe irengero kuva kw’igenekerezo rya 23 Rusama. Imiryango yabo ikaba isaba abajejejwe intwaro n’ubutungane kubabwira iyo ababo bari.
VI. Ivuriro rito rya Bigera muri zone Mparamirundi, komine Busiga n’intara ya Ngozi rimaze imisi itanu, abaforoma bakorera kuri iryo vuriro bataboneka ku kazi. Abanyagihugu bitura iryo vuriro baratonda bakabura uwubakira. Amakuru dukura muri komine Busiga avuga ko abakozi b’aho boba bari muri yegereyegere ariko ata wuramenya icayiteye. Ivyo bikaba vyateye ikibazo abarwayi bitura iryo vuriro, na cane cane abakenyezi bibungenze baca bategerezwa kugira ingendo ndende, baja ku yandi mavuriro yo mu karere. Abanyagihugu bo muri ico gice bagasaba ababijejwe kubamenyesha icateye ico kibazo, bongere bagireko bagitorera umuti vuba bwango, amagara yabo atarahasinzikarira.