Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 30/09/2020

Publié le 30 septembre 2020 par Rédaction

I. Uwurongoye umugambwe CNL muri komine Mutaho, intara ya Gitega, ari mu kinyegero kuva kuri uyu wa kabiri. Amakuru ava aho i Mutaho yemeza ko Denis Ndacayisaba na bamwe mu ndongozi z’uwo mugambwe aho i Mutaho, bari bamaze kubwirwa amajambo yo kubatera ubwoba n’abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi. Ivyo bikaba biteye umutima uhagaze abandi banywanyi b’uwo mugambwe CNL.

II. Pacifique Nininahazwe aratabariza abantu babiri aribo Rémy Niyonsaba na Jean Claude Uwarugira, baheruka kunyuruzwa. Kubw’uwo arongoye umugambi Ndondeza, Rémy Niyonsaba, asanzwe ari umwigisha mu Giheta, yanyurujwe kuri uno wa kabiri uheze, n’abantu bambaye umwambaro w’igipolisi. Nayo Jean Claude Uwarugira, yahora akora muri Sogea Satom, yabuzwe irengero, haraciye indwi irenga, amaze kwitaba telefone y’umusirikare akorera police militaire. Pacifique Nininahazwe akavuga ko mu matohoza bamaze kugira, abo bose uko ari babiri bashobora kuba bajanywe mw’iperereza. Agasaba ko igihe abantu bafashwe vyomenyeshwa ababo hakiri kare.

III. Umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE asa n’uwusigura ihagarikwa ridakurikije amategeko rikorerwa abanyagihugu. Ivyo yabivugiye mu kiganiro aherutse gutanga mu ntara ya Gitega. Aho ni mu gihe bamwe mu bahagarikwa banyurujwe, bakazimangana, abandi bagatorwa ibiziga. Abaharanira agateka ka zina muntu bakaba batera ivyatsi iyo mvugo y’uwitwa ko ari umucamanza mukuru, kandi ategerezwa gukingira umutekano wa bose.

IV. Kubwa Karori Nditije arongoye umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi bw’i Gitega, iryo nyuruzwa ry’agasakisaki ryerekana ubwoba ubutegetsi bw’umugambwe CNDD-FDD bufise kino gihe higaragaza mu gihugu cose ibitero vy’imigwi yitwaje ibirwanisho. Ku bwiwe abanyuruzwa  muri rusangi ngo n’abanywanyi b’umugambwe CNL, abakukuruke mu gisirikare ca kera Ex FAB n’urwaruka ruri mubwoko bw’aba Tutsi kandi ataco bazira.

V. Leta y’Uburundi ngo igiye kunagura imigenderanire hagati y’Uburundi n’ibihugu vya bulaya. Ivyo vyavuzwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire hagati y’ Uburundi n’ayandi makungu Albert Shingiro, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu. Uwo mushikiranganji asaba ibihugu vya bulaya vyafatiye ibihano Uburundi kwisubirako, bikegera Uburundi, bagakuraho ibihano, hanyuma imigenderanire igasubira ukuri kwamye. Mu runani CFOR-Arusha, bavuga ko ari akamaramaza kubona ko Uburundi ari bwo busabako ibihugu vya bulaya bwokwegera Uburundi.

VI. Uwurongoye ibiro bikuru vya gisirikare Lieutenant General Prime Niyongabo, ari kumwe na bamwe mu ntwazangabo mu biro bikuru vya gisirikare, bariko bakora amanama n’abarongoye abandi mu makambi n’ama brigade. Kuri uyu wa kabiri, inama yabereye mu Rwegura, mu ntara ya Kayanza. Uyu musi naho inama yabereye i Gitega. Ubutumwa bwoba buriko buratangwa ni inyifato itegerezwa kuranga abasirikare muri iki gihe havugwa ibitero vy’imigwi y’abantu bitwaje ibirwanisho. 

Ibindi bisa n'ibi