Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 30/10/2019

Publié le 30 octobre 2019 par Rédaction

Uno musi ugize icenda abamenyeshamakuru bane Christine Kamikazi ; Agnès Ndirubusa ; Térence Mpozenzi ; Egide Harerimana n’umushoferi w’ikinyamakuru IWACU bafunzwe. Bafashwe ku musi wa kabiri w’indwi iheze mu gihe bari bagiye gutohoza amakuru ku vyerekeye igitero c’abareberi i Musigati mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru babanje guhagarikwa baja gufungirwa mu gasho ka komine Bubanza mu nyuma bungururizwa mw’ibohero rikuru ry’intara ya Bubanza.  Bagirizwa guhungabanya umutekano w’abanyagihugu. Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru, imigambwe n’abaharanira agateka ka zina muntu ntibahengeshanya kwiyamiriza iryo fungwa ry’abo bamenyeshamakuru ; bakavuga ko riteye kubiri n’amategeko ajanye n’umwuga wo kumenyesha amakuru. Basaba ko bofungugwa vuba bwango kandi atakirinze gusabwa.

Urunani rw’abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi ruratera ivyatsi ifungwa ry’abamenyeshamakuru 4 n’umudereva w’ikinyamakuru IWACU. Urwo runani rubona ko abo bamenyeshamakuru bari bakwiye kurekurwa atakirinze gusabwa kuko ngo ico bagirizwa kidafashe na gato ; ngo bariko bakora akazi kabo.  

Umugambwe MSD uriyamiriza akarenganyo kakorewe abo bamenyeshamakuru . Kubw’uwo mugambwe ; ifungwa ryabo ngo ni kimwe mu vyerekana neza yuko amatora yo mu 2020 ataco umuntu yoyitegamwo.

Abanyeshure ba kaminuza y’uburundi biga mu gisata c’ubudandaji ISCO baridogera abarongoye ico gisata ko imyaka y’ishure iba miremire kandi ntihagire n’insiguro baronswa. Uyu munyeshure yemeza ko imyaka itatu itegekanijwe kwiga muri ico gisata, basanga bayize imyaka 7. Uruganda rwa radio INZAMBA rwakuye Aloys MISAGO ajejwe ico gisata ca ISCO kugira atange umuco kuri ayo makenga y’abanyeshure, ruramukena.

Abanyeshure bahejeje barigeze kugira ibirarane vy’ivyigwa baba batamenye, ico bita ama compléments, aho ni mu gisata c’uburimyi n’ubworozi kiri i Gitega bavuga ko bafise ikibazo kidasanzwe co kuronswa impapuro z’umutsindo. Bakavuga ko kugira uronke urupapuro rw’umutsindo bisaba kubanza gukorerwa bulletins z’imyaka itatu hamwe na bulletin bita rusangi, iriko amanota y’imyaka itatu. Bulletin imwe imwe umuntu akayitangira amafaranga 500. Abo banyeshure bahejeje barigeze kugira ibirarane vy’ivyigwa baba batamenye bakavuga ko hakorerwa gusa abahejeje batigeze kugira ibirarane vy’ivyigwa.

Umunyamabanga w’umugambwe CNL muri komine ya Busoni intara ya Kirundo kuva ku munsi w’ejo wa kabiri afungiwe mu gasho k’iyo komine. Ni mugihe yari yagiye aho kw’ i komine gukurikirana  urubanza rwabo basangiye umugambwe bari bitwariye imbonerakure zaheruka kubakubita bamwe muri bo baranakomereka.

Abanyagihugu bo muri quartier Mubone zone ya Buterere mu gisagara ca Bujumbura baridoga kubera imicafu yose yo mu gisagara itabwa muri iyo karitiye yabaye umurengera. Abo banyagihugu bakavuga ko ico kibazo catumye indwara ziva kw’isuku rike ziba umurengera muri iyo zone. Abarongoye iyo zone ico kibazo baracirengagiza kubera ngo banka kwiteranya n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD kuko mu gihe cose hagize uwidoga aca yagirizwa ko ariko arwanya ubutegetsi.


Ibindi bisa n'ibi