Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 30/10/2023

Publié le 30 octobre 2023 par Rédaction
  1. Ikiziga c’umwigeme w’imyaka 18 catowe mu gatondo ko kuruno wa mbere ku musozi wa Kagarama uri muri komine ya Kiremba mu ntara ya Ngozi. Umusore yagirizwa kwariwe yoba yarishe uwo mwigemwe muri kino gihe afungiwe muri komisariya y’igipolisi mu ntara ya Ngozi.
  2. Umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye yimuriwe kuri uyu wa mbere mw’ibohero rikuru ry’i Bubanza inyuma y’ijoro rimwe yaraye mw’ibohero rya Mpimba mu gisagara ca Bujumbura. Mubaharanira agateka ka muntu mu Burundi, ngo hamwe yoba yimuwe kugira ashirwe mw’ibohero ryergereye umuryango wiwe ngo yongere abonane n’umuganga amukurikirana, vyoba ari vyiza. Umushingwamanza Ntiburumunsi Jean Claude ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT Burundi, aributsako Floriane Irangabiye ikibanza ciwe kitari mw’ibohero kuko apfunzwe kukarenganyo. Agasaba yuko yorekurwa.
  3. Leta y’uburundi ngo igumye ihakana amabi akorerwa mu gihugu n’uko ata gushaka gutorera ico kibazo inyishu. Ivyo binegurwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro w’abakenyezi n’abagime baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Ni mu gihe Zéphyrin Maniratanga, aserukira Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yifatiye mu gahanga intumwa idasanzwe ya ONU ijejwe kuraba ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi. Maniratanga akaba yahakanye ibivugwa mu cegerenyo c’iyo ntumwa.
  4. Ishure ryisumbuye ry’ubuhinga rya Mwakiro ( ITAB) mu ntara ya Muyinga , ngo rirafise ingorane yo gusumira abanyeshure barenga 150 baba mu ndaro kubera ubukene bw’imodoka nkuko bishikirizwa n’umuyobozi w’iryo shure Gabriel Nzambimana. Uwo muyobozi akavuga ko gukotesha imodoka yo kuja gusuma bitwara uburyo bwinshi kandi ayo mahera yo koreshejwe mugufungurira abarerwa.
  5. Imyidogo nayo ni yose mu bakoze ikibazo co gusaba akazi kubitaro vy’abasirikare mu Kamenge. Bavuga ko hagiyemwo ka mwana wa mama mugukoresha ico kibazo no mugukosora kuko hamanitswe gusa urutonde rwabamenye. Abakoze ico kibazo basaba ko bokwerekwa amanota baronse abarenganjijwe bakarenganurwa. Ariko amakuru ava muri bamwe mubakozi bo kuri ivyo bitaro bavuga ko ico kibazo cakozwe mumuco kuko nabagiteguye sibo bagikosoye .
  6. umurwi wa Magara young boys waraye uronse inota ryawo rya mbere kuva ihiganwa ry’umupira w’amaguru ritanguye, ubu rikaba rigeze ku ndwi igira11. Muri Basketball, Dynamo niyo yaraye itahukanye igikombe c’inkino zitiriwe incungu z’u Burundi. Mu kwezi kwa Kigarama, hazoba ihiganwa rizohuza abakinyi b’ibihangange mw’ihiganwa rya Basketball mu Burundi n’iryo mu Rwanda ; urukino rwambere rukazobera i Bujumbura. Muri Volley ball naho ibikombe vy’ihiganwa ryitiriwe incungu z’uburundi vyatashe muri Rukinzo mu bahungu no muri Gender Light mu bigeme.

Ibindi bisa n'ibi