I. Hari umukenyezi w’imyaka 53 yagandaguwe kuri uyu w’Imana ku mutumba Mwarangabo, komine ya Mugina, intara ya Cibitoke. Yagandaguwe n’umuhungu wiwe w’imyaka 18 akoresheje igipanga, ariko abajejwe intwaro bakaba bavuga ko bataramenya ico yamuhoye. Uyo musore bikaba vyari bitegekanijwe ko ashirwa imbere y’intahe muri parike ya Cibitoke, kugira aciribwe urubanza rw’ikibiriraho.
II. Mu Burundi hakwiye isekeza ryo kwigisha abantu gusonera ubuzima bwa kiremwa muntu, n’umubano ubereye kuri bose, ivyo bigakorwa mu ntumbero yo kurwanya ubwicanyi bwimonogoje mu gihugu. Ivyo bishikirizwa na Sophie SHIMA, avugira umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Ni mu gihe hamaze iminsi hibonekeza ubwicanyi butagira izina, bukorerwa abapfasoni n’abigeme.
III. Abanyororo babiri bo mw’ibohero rya Muramvya baramaze imisi irenga 15 atawuzi iyo bajanywe, inyuma yo gukurwa muri iryo bohero na Gérard Ndayisenga, arongoye urwego rw’iperereza mu ntara ya Mwaro. Abegereye imiryango yabo, basaba umuyobozi w’ibohero rya Muramvya n’abo mu buyobozi bukuru bw’amabohero, kubamenyesha iyo ababo boba bari muri kino gihe.
IV. Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta OLUCOME, riratabaza umukuru w’igihugu kugira afate ingingo zikingira amashirahamwe ya ONATEL na REGIDESO ageze ahatemba. Mw’ikete ryarungikiwe Ndayishimiye Evariste mu ndwi iheze, muri zimwe mu nyishu, ishirahamwe OLUCOME risaba ko hoza harakoreshwa ibibazo ku bashaka kurongora ayo mashirahamwe ya leta, hatisunzwe ka mwana wa mama.
V. Abakozi bo ku bitaro bikuru vy’i Muyinga baridogera uburongozi bw’ivyo bitaro, ko butakibaronsa uturusho dufatiye ku buryo baba baranguye imirimo yabo, haba mukwakira be no mu kuvura abarwayi. Abo bakozi bagiriza uwurongoye ivyo bitaro, ko akoresha amafaranga menshi y’ibitaro ivyo atagenewe, gurtyo bigatuma bataronka ubwo burusho.