Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 30/11/2021

Publié le 30 novembre 2021 par Rédaction
I. Umutama w’imyaka 70 yishwe atemagujwe imipanga. Nkinahamira Joseph yiciwe ku mutumba wa Murehe muri komine n’intara ya Cankuzo. Hari nk’igihe c’isaha imwe z’ijoro zo kuri uno wa mbere. Uwo mutama akaba  yaravuye kw’isoko ry’ahitwa Gicumbi, aho yahura n’abo bagizi ba nabi. Igipolisi kikaba catanguye amatohoza, uwitwa Kesha Johachim, muramu w’uwo mutama yishwe akaba yafashwe ku mvo z’amatohoza. Umukuru w’umutumba Murehe avuga ko ubwo bwicanyi bwoba bufatiye ku kwikekana ku bintazi.
II. Umugabo batazira Mukirisu yaraye yishwe atemagujwe imipanga, mw’ijoro ry’uwu wa mbere rishira uwa kabiri. Vyabereye ku mutumba Rubuga, muri komine Bugabira intara ya Kirundo. Amakuru ava kuri uwo mutumba avuga ko uwo mugabo yiciwe kw’ishure rya Rubuga ya mbere. Isoko rya Radiyo Inzamba mu nyamiramabi i Bugabira rivuga ko abanyezamu bemera ko ari bo bishe uwo mugabo, bakisigura ko bamubonye agiye kwugurura ububiko bw’ibifungurwa bigaburirwa abanyeshure.
III. Umugabo umwe wo ku mutumba Murenge muri komine Burambi, agwariye mu bitaro bikuru vy’intara ya Rumonge kuva kuri uwu wa mbere. Amakuru ava kuri uwo mutumba avuga ko yakubiswe n’abapolisi bo ku kirindiro ca Kiyagayaga muri iyo komine nyene. Abanyagihugu b’aho bakaba bidoga ko abo bapolisi bafise ingeso mbi yo kubahohotera. Bagasaba ko bohindurwa canke bagakurwaho.
IV. Innocent Girukwigomba yaraye arekuwe mw’ijoro ryo kuri uyu wa mbere. Nk’uko amakuru ava mu muhari w’agateka ka zina muntu Iteka, uwo yahoze ari inyamiramabi muri zone Musaga, igipolisi ni co camushikirije umuryango wiwe. Innocent Girukwigomba yari yanyururijwe mu gisagara hagati ca Bujumbura, inyuma yaho yari yagiye yitavye telefone y’umuntu umuryango wiwe utamenye. Abamunyuruje bari bambaye impuzu z’igipolisi nk’uko ababibonye babivuze. Hari kw’igenekerezo rya 8 z’uku kwezi. Si ryo rya mbere yaranyurujwe, ubwa mbere hari mu mwaka wa 2016 aho abantu batamenyekanye bamunyuruje mu nyuma agafungirwa mw’ibohero rikuru rya Ngozi. Yarekuwe n’ikigongwe c’umukuru w’igihugu mu kwa kane guheze.
V. Haribonekeza ubwinshi bw’abapfungwa mu gasho ka komisariya y’igipolisi y’intara ya Ngozi. Amakuru dukura ngaho i Ngozi amenyesha ko ubwo bwinshi buva aha nini ku bapfungwa bafise amadosiye mato mato, ariko bamara igihe kinini  batarumvirizwa n’inyamiramabi canke ngo barengutswe imbere y’umushikirizamanza.
VI. Abanyororo bo mw’ ibohero rya Rumonge bamaze imisi itanu bafungura nabi, nkuko bivugwa n’ishirahamwe ACAT-Burundi ryishinze kugwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Ibifungurwa bikenye muri iryo bohero ngo ni ifu y’imyumbati, ibiharage, umunyu n’amavuta. Augustin Nimubona ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe ACAT-Burundi, avuga ko batewe umutima uhagaze n’ivyo biriko birashikira abo banyororo. ACAT igasaba leta y’Uburundi gukora ibishoboka vyose kugira ngo uburenganzira bw’abanyororo bwo kugaburirwa bwubahirizwe.
VII. Inani zo kurwanya amabi akorerwa abakenyezi ku mutumba ku mutumba, ni kimwe mu vyo ubushikiranganji bujejwe agateka k’umukenyezi bumaze gushikako. Umuyobozi mukuru muri ubwo bushikiranganji yabisiguye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa gatatu, aho avuga ko hashizweho n’ubuhinga bwo guhanahana amakuru kuri telephone, kugira amabi yose akorewe umukenyezi amenyekane ku rwego rw’igihugu. Donatienne Girukwishaka ni umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bwo gufatana mu nda, agateka ka muntu n’iterambere ridakumira.
VIII. Ibiharuro birerekana ko ikiza ca Covid-19 kiriko kiratuzwa mu Burundi. Bishikirizwa n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, Dr Nzeyimana Sylvie, aho amenyesha ko n’abipfuza incanco ku bushake bwabo bazihabwa. Amenyesha ko hari n’umugwi uriko uriga ku bijanye n’ubwoko bushasha bwa corona bwiswe Omicron, kugira bazitire batarononerwa.
IX. Ama koperative y’abarimyi b’umuceri bo mu ntara ya Bubanza baridoga ko imirima yabo yakenye amazi, kuva aho hatanguriye umugambi wo kwubaka urugomero rwa Kajeke. Atandatu muri ayo ma koperative akaba aherutse kwandikira umushikiranganji w’uburumyi n’ibidukikije bamubaza aho uyo mugambi ubabujije kwimbura ugeze. Bakaba babibaza mu gihe amazi bahora bakoresha mu kuvomera imirima, yakatishijwe yose kugira aje kuri urwo rugomero ruriko rurubakwa.

Ibindi bisa n'ibi