Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 30/12/2022

Publié le 30 décembre 2022 par Rédaction
I. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avuga ko atigeze amenyeshwa urubanza rwaciwe na Sentare y’akarere ka Afrika y’ubuseruko, ku bijanye n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza catumye inganda zitikira mu gihugu, ibihumbi n’ibihumbi vy’abarundi bakangara. Umukuru w’igihugu mu kiganiro yashikirije abanyagihugu kuri uno wa gatanu gisozera umwaka, akaba yavuze ko iyo sentare ata n’ububasha ifise bwo guca urubanza nk’urwo.
II. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize, umwe mu bakurikiraniye hafi ibijanye n’urwo rubanza, avuga ko ivyo umukuru w’igihugu avuga ku bijanye n’ukwo atigeze amenyeshwa ingingo yafashwe n’iyo sentare bidafise ishingiro. Dieudonné Bashirahishize avuga ko urwo rubanza rwasomewe i Bujumbura kw’igenekerezo rya 25 z’ukw’icumi na rimwe 2021. Kandi umuvugizi w’umukuru w’igihugu yarashikirijwe icegeranyo.
III. Ku bijanye n’ububasha bw’iyo sentare umushingwamanza Bashirahishize avuga ko iyo sentare ibufise cane. Agatangazwa no kwumva umukuru w’igihugu ahakana ingingo yafashwe n’iyo sentare mu gihe ababuranira Leta bamye bayitaba.
IV. Musitanteri wa komine Nyanza-lac iri mu ntara ya Makamba amaze iminsi yitaba ubutungane. Amakuru dukura muri iyo komine amenyesha ko yagirizwa n’abajenama ba komine, kwihagira amatungo ya leta hamwe n’ukunyuruza amafranga atozwa muri iyo komine. Ku munsi wa gatatu w’iyi ndwi, akaba yitavye parquet ikukira Sentare isubiramwo imanza ya Makamba. Kuri uyu wa kane naho, yitavye imbere y’igipolisi kirwanya igiturire i Bujumbura. Abo bajenama ba komine bakamenyesha ko babandanya kugirirwako iterabwoba bazira ivyo bagiriza musitanteri.
V. Uwurongoye Poste ya Mutaho mu ntara ya Gitega, yishwe arashwe imbere y’umutaga kuri uyu wa mbere. Uwamurashe yaciye yiruka agiheza kumurasa, ariko akaba yahavuye afatirwa muri zone Rwisabi ya komine Mutaho nyene. Abajejwe intwaro n’umutekano bakaba baciye bamujana ku murwa mukuru w’intara ya Gitega.
VI. Abantu batandatu baraye bitavye Imana ku muhingamo wo kuri uwu wa kane, batatu na bo barakomereka bikomeye. Bikaba vyavuye ku masanganya yabereye mw’ibarabara rya mbere ry’igihugu rya Bujumbura-Kayanza, ku musozi Bandaga wo muri komine Matongo. Ayo masanganya yose akaba yatewe n’imiduga yagonze abantu baba bariko barahita. Abaguye muri ayo masanganya bakaba bahavuye bafubanwa iteka, igikorwa catunganijwe n’abajejwe intwaro muri iyo komine.
VII. Abarimyi barenga 20 barahagaritswe kuri uyu wa kane n’umukuru wa zone Mugomera muri komine n’intara ya Ngozi. Yabasanze aho bariko bararima mu mwonga wo ku mutumba Nyanza, muri iyo komine ya Ngozi nyene. Abo bari muri koperative y’uburimyi bamenyesha ko bariko baraburabuzwa, haraheze igihe, bagasaba umukuru w’igihugu kubatunganiriza.

Ibindi bisa n'ibi