I. Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu, OMS, ryaraye ryemeje ko ikiza ca Corona kimaze guhitana abantu barenga 200 mu gihugu c’Ubushinwa, ko ari ikiza gihanze Isi yose. Ibihugu bitari bike vyafashe ingingo yo gukura abanyagihugu babo muri ico gihugu. Ariko mu Burundi basa n’abadafata ko ico kiza gihanze isi yose kubera ko n’ubu abarundi babandanya kugendera igihugu c’Ubushinwa.
II. Inzego za Mairie ya Bujumbura zikora uko zishakiye, ata mategeko zisunze, bikonona vyinshi mubutunzi bwigihugu. Ivyo biri mu cigwa catunganijwe n’umugambi w’iterambere ry’igihugu mu kugwiza akazi, PDLE mumpfunyapfunyo. Kubwa Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME, ryiyemeje kugwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Leta, ngo biratangaje kubona igisata ca Leta nk’ico, kitagira amategeko akigenga, igisata gikoresha amafranga y’amarundi angana imiliyalidi zitanu ku mwaka.
III. Ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe mu Burundi, API gihamagarira abarwizatunga gushora imitahe yabo ku kiyaga Tanganyika. Umuyobozi arongoye ikigo API, amenyesha ahariko haratangwa hisunzwe amategeko agenga gushora imitahe mu Burundi. Désiré MUSHARITSE ashishikariza abarwizatunga gushora imitahe na cane cane mu gisata co kwunguruza abantu n’ibintu ku kiyaga Tanganyika.
IV. Mu mugambwe w’abakozi PTD barashima ingingo ya reta yo gufata mu minwe igiterwa c’ikawa, gusa ngo hasigaye ishirwa mu ngiro y’iyo ngingo. Paul Nkunzimana, asaba reta kwitaho ico giterwa, umurimyi asubire kuronka akarusho, ibice 80 kw’ijana vy’amafaranga y’agaciro cahora cinjiza mu kigega c’igihugu bisubire kuboneka. Kugira ivyo bikunde, asaba reta gushiraho ikigega cokwitaho abarimyi b’ikawa kugira bashobore kucitaho kuko ubu biraboneka ko abarimyi badebukiwe.
V. Ishirahamwe ACAT Burundi rihamagarira abarundi bose bakorewe ivyago kuva mu mwaka wa 2015, n’abariko barayakorerwa gushika uyu munsi, kuguma babitura kugira ngo ama dossier yabo bayashikirize ama sentare mpuzamakungu kugira ngo ubutungane bubatunganirize. Ivyo bishikirizwa n’umushigwamanza Ntiburumunsi Jean Claude, ajejwe igisata c’ubutungane mw’ishirahamwe ACAT Burundi.
VI. Umugabo azwi kw’izina rya Gateretse Frédéric yarakomerekejwe cane na grenade yatewe mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane, rishira uwa gatanu, ku rugo iwe ku musozi Bihanga, komine Matana, ni mu ntara ya Bururi. Inkuru zitangwa n’igipolisi ngaho i Matana, zimenyesha ko iyo grenade yatewe n’umuntu atamenyekanye mu gihe c’isaha zibiri y’ijoro. Mu gipolisi bakavuga ko amatohoza yatanguye kugira ngo bamenye abayiteye.
VII. Uno munsi ugize uwi 102 bangenzi bacu bane b’ikinyamakuru Iwacu bari mu buroko. Bakaba baraye bakatiwe umunyororo w’imyaka 2 n’amezi 6, hamwe n’ihadabu y’umulioni umwe ku muntu umwe umwe. Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu be n’ay’abamenyesha makuru, akaba yarababajwe n’iyo ngingo, kuko ari iyibandanya ihonyanga ubwigenge bwo kumenyeshamakuru.