Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 31/01/2022

Publié le 31 janvier 2022 par Rédaction
I. Abagabo babiri bari mu minwe y’igipolisi mu ntara ya Cankuzo kuva ku muhingamo wo ku munsi wa gatandatu w’indwi twaraye tusozereye. Bakaba bafashwe bariko batemagura ibihimba vy’umwana w’umunyamwema mw’ishamba riri muri komine Kigamba y’intara ya Cankuzo. Nk’uko amakuru ava muri iyo komine abivuga, abo bagabo babonywe n’umwana yari aragiye inka bari mu gashamba. Uwo mwungere ngo yaratewe ubwoba n’abo bagabo nawe araheza arabahunga, niko kubimenyesha abandi amaze kuhava. Amakuru ava aho mu Cankuzo amenyeshako ababa mu micungararo bahavuye bashwabaduka baza kubatesha. Babiri baciye bafatwa, umwe nawe arabasiga. Muri ako gashamba ngo bakaba bari bazanywe n’amapikipiki 3. Abadereva bayo nabo bakaba baciye bafatwa barumvirizwa imbere yo kurekurwa. Uwo mwana w’umunyamwema ngo akaba yoba aturuka muri zone Kinama mu gisagara ca Bujumbura. Abo bamwishe bakaba boba ari naho bamukuye imbere yo kumugandagura.
II. Abanywanyi b’umugambwe CNL mu ntara ya Rutana bariyamiriza urubanza rwaciririwe umukuru w’umugambwe CNL muri komine Giharo y’iyo ntara kuri uyu wa kane uheze, igenekerezo rya 27 kuno kwezi. Abo banywanyi bavuga ko muri urwo rubanza, igihano Sentare nkuru y’igihugu ya Rutana  yaciriye  Jean Pierre Ndacayisaba ari agahotoro. Uwo nawe akaba yaciriwe  umunyororo w’imyaka 10 hamwe n’ihadabu y’amafaranga y’amarundi angana ibihumbi ijana (100.000).
III. Abadandaza bagira urudandazwa njabuka mbibe baciye ku mupaka wa Kabanga-Kobero mu ntara ya Muyinga uhuza ibihugu vya Tanzaniya n’Uburundi ntiboroherwa, kuko ngo bagira  ingorane  nyinshi  bigatuma urudandazwa rwabo  rudindira. Ivyo vyashikirijwe ku musi wa gatandatu i Kabanga mu gihugu ca Tanzaniya, mu nama yari yatumiwemwo intumwa z’Uburundi na Tanzaniya, hamwe n’abadandaza bava muri ivyo bihugu bakoresha uwo mupaka, hamwe n’intumwa z’ubushikiranganji buraba ivy’ishirahamwe EAC.
IV. Bulamatari w’intara ya Rumonge, Consolateur Nitunga yaraye afashe ingingo ibuza urudandazwa rw’ibigori vyokejwe, hamwe n’urudandazwa rw’amababi y’imyumbati, benshi bita isombe canke irara. Iyo ngingo  bamwe mu banyagihugu bo muri iyo ntara bavuganye na radiyo Inzamba bavuga ko idakwiriye, bavuga ahubwo ko uwo mutware yibagiye ubuzima abo atwara babayemwo. Bagasaba ko yoyihagarika, atari uko abamukurira bakamukebura.  Bamwe mu banyagihugu bo mu Rumonge.
V. Hariho urwego mu ma sendika rujejwe kuraba ingene uburyo butangwa n’abanywanyi b’ayo ma sendika bukoreshwa. Nta mukuru w’igihugu yivanga mu gucungera intererano zitangwa muri ayo mashirahamwe. Bishikirizwa na Libérat Ntibashirakandi, umuhinga akurikiranira hafi ibijanye n’igisata c’indero. N’inyuma yaho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ashikirije ko agira yamize ijisho ku ntererano itangwa n’abarimu mu mashirahamwe barimwo, kuko abarongoye ama sendika bayanyuruza bakayakoresha no mu bwicanyi butandukanye. Libérat Ntibashirakandi asaba nyabuna ko urwego rwashizweho na leta kugira ruyumvikanishe n’ama sendika y’abarimu rwobandanya ruja hagati.
VI. Libérat Ntibashirakandi asaba ko iterabwoba ryohagarara ku barimu bariko barasaba gutunganirizwa.
VII. Inkino zo kurondera imigwi izitabira ihiganwa ry’Uburundi bwose muri basketball zarasozereye umusi wa mbere kuri uno w’Imana, Urunani ruhabwa amahirwe yo gutwara iryo higanwa rutsinze urukino rwa mbere. Mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi harasozerewe kuri uno w’Imana indwi ya 20, mu gihe mu gikombe ca Afrika ibihugu bine bizokina igice ca kabiri gishira ica nyuma, vyaraye vyose bimenyekanye.

Ibindi bisa n'ibi