Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 31/01/2023

Publié le 31 janvier 2023 par Rédaction
I. Abanyagihugu baba ku ma hectares arenga 560 muri site ya Gasenyi iri muri komine ya Mutimbuzi, n’abo ku mutumba wa Gishingano muri komine Isale, mu ntara ya Bujumbura, bagiye kwimurirwa ahandi. Imvo ngo n’iz’umutekano w’ikirimba c’umukuru w’igihugu, nk’ukwo biri mw’itegeko ryateweko umukono n’umukuru w’igihugu ku wa 24 Nzero uno mwaka. Kubwa Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, n’ubwibone bw’umukuru w’igihugu mu kunyaga abo yokingiye. Ngo inama nshingamateka n’ihaguruke yiyamirize iryo totezwa ry’abanyagihugu baserukira.
II. Abantu barenga 150 barasaba kuronswa amafranga yabo batanze bashaka kuja mu gihugu ca Serbie, imbere y’ukwo amasezerano yari hagati y’ivyo bihugu yakuraho uruhusha bita visa hagati y’ivyo bihugu. Nyene kubatwara ayo mafranga n’uwitwa Diane Tabitha Barandagiye afise agence yitwa NZO Travel Agency, bakamwagiriza kwikika mu kiza igihe hahagarikwa kuja muri Serbie ata visa bisaba mu kwezi kwa Munyonyo guheze. Muri iki gihe akaba afungiwe mu biro vya BSR, kuva ku musi wa kabiri w’indwi iheze. Bene amafranga bagasaba igipolisi n’ubutungane kubasabira amafranga yabo.
III. Imyidogo ni myinshi mu bakozi bo muri microfinance Dukuze ibibondo, bidogera abarongoye iyo microfinance ko babakuyeko amahera ku mushahara kandi batazi ico akoreshwa n’iyo aja. Bakadoma urutoki ku wutwara igisata c’ubudandanji ko yoba ari inyuma y’ayo manyanga.
IV. Abadandaza batatu b’ibinyobwa vya BRARUDI baraye baciriwe ihadabu ry’ibihumbi amajana abiri, na sentare y’intango yo mu Rumonge, kuri uno wa mbere. Bagirizwa icaha co kuduza ibiciro vy’ibinyobwa vya BRARUDI. Bamwe mu bugariwe burundu bakabona ko harimwo ka mwana wa mama.
V. Ikibazo c’aba komisiyoneri cavuzwe kuri Clinique de l’œil kuri uyu wa mbere kiri ku mavuriro yose avura amaso mu gisagara ca Bujumbura. Ikimaze kwibonekeza, ngo n’uko abo bantu bamaze kubona abagwayi basohokanye impapuro za muganga, baca babategera bakabashira abadandaza amarori azimbutse, ariko adahuye n’ayo baba bandikiwe. Bamwe bamwe baremera iyo babajanye ahazimbutse, bakemera cane cane kubera ubukene baba barimwo.

Ibindi bisa n'ibi