I. Urunani rw’abamenyeshamakuru UBJ, ruriyamiriza iterabwoba ririko riragirirwa umwe mu bamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu. Iryo terabwoba, rikaba rihagaze ku majambo yavuzwe n’umushingamateka Anglebert Ngendabanka, aho yavuze ko azomena umutwe uwo mumenyeshamakuru mu gihe atokwivuguruza ku bijanye n’inkuru yari yakoze. Alexandre Niyungeko, atwara urwo runani, akamenyesha ko biteye isoni kubona abajejwe gukingira abamenyeshamakuru aribo babatera ubwoba. Agasaba ko Anglebert Ngendabanka yokurikiranwa n’ubutungane.
II. Umuntu umwe w’umusore yaraye yiciwe i Mahwa muri komine Ryansoro, y’intara ya Gitega. Umuhisi amaze kumenyekana, basanze avuka mu Rutovu, mu ntara ya Bururi. Ivyoba vyinyegeje inyuma y’urwo rupfu canke ico umuhisi yoba yarazize, ntikiramenyekana. Abajejwe intwaro no mu gipolisi muri ayo makomine abiri baremeza aya makuru, bakamenyeshako amatohoza yatanguye.
III. Hari umunyeshure wo mw’ishure kaminuza y’i Muyinga yitwa East African Leadership University, yahagaritswe n’igipolisi ejo ku musi wa mbere. Yagirizwa kuba yarakwiragije ku rubuga ngurukanabumenyi WhatsApp, amajwi atyoza abategetsi b’iyo ntara.
IV. Gukingirwa no kuvurwa cancer yo mu bwinjiriro bw’igitereko, n’uburenganzira bw’umukenyezi. Ivyo n’ibishikirizwa n’ishirahamwe ryiyemeje guteza imbere ingo n’imiryango, ABUBEF. Iryo shirahamwe rikaba ryabishikirije mu ntumbero yo gusabira abakenyezi bo mu Burundi, kugira bakingirwe bongere bavurwe indwara ya cancer yo mu bwinjiriro bw’igitereko, mu gihe ibiharuro vyerekana ko abakenyezi batanu kw’ijana baba barwaye iyo ndwara. Hari mu kiganiro ABUBEF yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri. Donavine NDUWIMANA, umuyobozi nshingwabikorwa w’ishirahamwe ABUBEF.
V. Bamwe mu bayobozi b’amashure nshingiro, n’ayafise amashure yo mu gice ca kabiri c’amashure yisumbuye muri komine Mutaho, y’intara ya Gitega, bagirizwa kunyonora amafranga agenewe guhemba abigisha b’abakutsakivi, barahagaritswe haraheze indwi irenga, n’inama mpanuzwajambo ya komine. Muri kino gihe, bariko baca mu ndongozi z’umugambwe muri komine, ngo bakingirwe ikibaba ntibakurikiranwe ngo batakaze n’ibibanza barimwo.
VI. Abanywanyi b’umugambwe CNL baridogera imbonerakure za CNDD-FDD zibatoteza, abajejwe intwaro n’umutekano bakabashigikira mbere bakanabakingira ikibaba. Abo banywanyi ba CNL bidoga baherereye ku mutumba Kinyovu, mu ntara ya Kirundo, hamwe no ku mutumba Rutovu mu ntara ya Bujumbura.
VII. Abarundi bugaraniwe mu mazu mu bihugu birangwamwo umugera wa CORONA, bavuga ko bari mu buzima bugoye. Vyinshi muvyankenerwa bikaba vyaradugijwe ibiciro.