Post Views: 0
I. Ikiziga c’umutamakazi w’imyaka irenga 70 catowe kuri uno wa kane inyuma y’umutaga, mw’itongo ry’ibitoke kw’ibarabara rya 3 mu Gasenyi muri komine Buganda, ni mu ntara ya Cibitoke. Ababa aho hatowe ikiziga c’uwo mutamakazi bamenyesha ko uwo yishwe atawashoboye kumuca n’ikanda, bagakeka ko yoba yiciwe ahandi, hanyuma abamugandaguye bakaza kumuta aho mu Gasenyi. Ayo makuru akamenyesha kandi ko ata ruguma na rumwe rwaboneka kuri ico kiziga. Abajejwe intwaro bakaba bahavuye bafata ingingo yo kugihamba inyuma yo kubura ikibanza mu cumba gishirwamwo abitavye Imana, ku bitaro bikuru vy’intara ya Cibitoke.
II. Basaba kuronswa imfashanyo kugira baronke aho bakika umusaya. Abo ni abanyagihugu bo muri zone Gitaza ya komine Muhuta y’intara ya Rumonge. Amazu yabo yarasidutse kubera uruzi Nyamusenyi rwasheshe. Bavuga kandi ko urwo ruzi rwahitanye imiringoti yabazanira amazi meza mu kirwati ca Gitaza. Muri kino gihe bamaze indwi bataronka amazi meza, batinya ko indwara zituruka kw’isuku rike zishobora kubasinzikaza.
III. Floride Nduwayezu ni we yatowe kuri uwu wa kane kuba musitanteri mushasha wa komine Giteranyi, iri mu ntara ya Muyinga ku majwi 30, nayo Dominique Niboye bahiganwa akaba atarengeje amajwi 8. Floride Nduwimana asubiriye Janvier Ndagijimana, yahora arongoye iyo komine akaba yaheruka guhagarikwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano, Gervais Ndirakobuca, amwagiriza kutubahiriza impanuro yahabwa n’abamurongoye, gutwaza umukazo no gusesagura amatungo rusangi. Uwo yatowe ngo arongore komine ya Giteranyi akaba yaheruka kandi gutorerwa kurongora inama nkuru y’abakenyezi mu ntara ya Muyinga. Floride Nduwayezu, akaba yari yarigeze kurongora komine Giteranyi kuva mu mwaka wa 2015 gushika mu 2020.
IV. N’umunezero ku banyagihugu bo mu gisagara ca Kayanza bashima ko kuba iruhande y’amapikipiki n’amakinga vyahora bibunguruza hariyongereyeko za tuktuk, ngo kuko abazifashe baheza bakiyunguruza neza. Yamara abo bagendesha izo tuktuk bo bavuga ko abanyagihugu batazihurumbira. Bagasaba leta gusubiramwo ingingo kugira basubire gukorera mu gisagara ca Bujumbura ho bahora bagukiwe.
V. Iyinjira rya Republika iharanira Demokrasi ya Congo mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko ryemejwe mu nama igira cumi n’icenda y’abakuru b’ibihugu bigize uyo muryango, rirafise akamaro kanini cane ku Burundi mu bijanye n’ubutunzi. Ivyo bivugwa na Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi, aho avuga ko igihugu c’Uburundi kiri hagati y’ibihugu bibiri binini ari vyo Tanzaniya na Republika iharanira demokrasi ya Congo. Ivyo bigasigura ko abashorera ibintu i Burundi bazokwiyongera. Ikindi n’ukwo igihugu ca Congo ari kinini cane kandi gifise amatungo menshi cane mu butaka bwaco.
VI. Inzego z’ubutungane mu bihugu vya EAC ntizategerezwa kubandanya zemeza ingingo izari zo zose zifashwe n’umukuru w’igihugu. Bishikirizwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima. Ni mu gihe sentare ntahinyuzwa y’igihugu ca Kenya yafuse impinyanyuro y’ibwirizwa nshingiro, imbere y’amezi ane gusa asigaye kugira amatora abe muri ico gihugu, vyari vyasabwe mu 2020 n’umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta, yipfuza kugena uwuzoshobora kumusubirira mu matora. Kubwa Me Gustave Niyonzima, ivyo vyerekana ko mu gihugu ca Kenya hari ubwigenge bw’ubucamanza.
VII. Umugwi wa Inter Star kuri uno wa kane niho waronka uburenganzira bwo kuzokina mu gice ca mbere mw’ihiganwa ry’Uburundi ry’umwaka 2022 rishira uwa 2023, inyuma yo kunganya mu rukino rwawo rwa nyuma na Magara Star igitsindo kimwe ku kindi. Kari akanyamuneza nta ngere ku bakunzi b’uwo mugwi uri mu yikundwa cane I Bujumbura kubona usubira mu cicaro ca mbere, inyuma y’umwaka wose uriko urakina mu cicaro ca kabiri. Inter Star ni umwe mu migwi y’Uburundi yateye iteka igihugu c’Uburundi mu nkino za Afrika, aho wigeze no gushika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu nkino zihuza imigwi yabaye iya mbere iwabo. Umuzo wa Inter Star umukeba akomeye wa Vital’o mu cicaro ca mbere, wanezereye abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi, kuko imigwi ifise kahise keza iyo ije mu cicaro ca mbere bituma ihiganwa riryoha, abakinyi bagakina ibibuga vyuzuye abarorerezi.