I. Umushoferi umwe yarakomeretse cane, amapine y’imodoka aratoborwa mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatanu. Ni mu gihe imodokari 2 zagwa mu mutego w’akagwi kitwaje inkoho kw’ibarabara rya Bujumbura-Gihanga aho bita mu Rukoko, ni muri komine Gihanga mu ntara ya Bubanza. Amakuru ava ngaho mu Rukoko akamenyesha ko abasirikare bakorera ku kirindiro ca Rukoko bahashitse bararasana n’abo bitwaje ibirwanisho akanya gato babona guhunga baciye mw’ishamba rya Rukoko. Abanyagihugu bakibaza ko woba ari umugwi woba washaka kwica abantu, nk’uko bimaze imisi biba kw’ibarabara rya mbere ry’igihugu Muramvya-Gitega.
II. Inyigisho zibiba urwanko n’amacakubiri zibandanya gushikirizwa na bamwe mu bategetsi mu gihugu. Akarorero ka hafi n’aka Zachée Misago, umushingamateka yahoze atwara komine Kayogoro, yagirizwa kugenda arabiba urwanko mu banyagihugu bo ku mitumba igize komine Kayogoro yatowemwo. Amakuru ava muri iyo komine yemeza ko izo nyigisho zikibonekeza mw’itotezwa rya bamwe mu banywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi CNDD-FDD.
III. Amasezerano y’i Genève mubu Suisse ajanye n’abanyororo bo mu ngwano ategekanya ko abantu bafashwe mu gihe c’intambara bategerezwa gufatwa mu buntu ntibasinzikarizwe ubuzima. Bishikirizwa n’umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize yanonosoye ivy’amategeko. N’inyuma y’aho igihugu c’Urwanda gishikirije kuri uyu wa gatanu leta y’Uburundi abagwanyi 19 b’umugwi urwana Red-Tabara bafashwe mu mwaka uheze. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize akavuga ko yizeye ko leta y’Uburundi izofata neza abo bantu hakurikijwe amategeko y’igihugu na mpuzamakungu yateyeko igikumu.
IV. Ku wa 31 Mukakaro uko umwaka utashe, amakungu arahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi w’umunyafrika. Umuhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, barashima intambwe agateka k’umukenyezi igezeko muri Afrika kuva uwo munsi mpuzamakungu wahariwe abakenyezi ushizweho hari mu mwaka wa 1962. Marie Louise Baricako arongoye uwo muhari, asaba abarongozi kwemera gukoresha abakenyezi mu guteza imbere Afrika. Mukamenya ko uwo munsi mpuzamakungu w’abakenyezi washizweho mu mwaka wa 1962, igihe haba ikoraniro ry’abakenyezi bo muri Afrika i Dar-es-Salaam muri Tanzania ukaza kwemezwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU uwo mwaka nyene. Inama rukokoma y’abakenyezi ya mbere yabereye i Dakar muri Sénégal hari ku wa 31 Mukakaro 1974 ni yo yashizeho ko uwo munsi woza urahimbazwa buri wa 31 Mukakaro uko umwaka utashe.
V. Umunonotsi Eric Nzikwinkunda yaserukiye Uburundi mu nkino za Jeux Olympiques ziriko zibera I tokyo ku metero 800, ntiyorohewe mu mahiganwa y’ijonjora aho yarangije ari mu kibanza ca 6 ku 8 bariko barahiganwa mu mugwi ugira gatanu. Yakoresheje umwanya w’umunota umwe amasegonda 47 n’ivy’ijana 97. Akaba yaciye asezererwa muri ayo mahiganwa. Izi nkino rero ntiziriko zirorohera abarundi. Abasigaye guhiganwa ni Odrina Kaze mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu kwoga amahirwe yo gushika mu nkino za nyuma akaba ari make. Abandi ni Olivier Irabaruta azohiganwa muri marathon (42 km) na Francine Niyonsaba ku metero 10.000. N’aba banonotsi ari ubwa mbere bahiganwa kuri ivyo birere mu nkino mpuzamakungu bafise amahirwe make yo gutahukana umudari.
VI. Mu kigabane ‘’Kw’isôko’’ c’uno musi tubabwira ibijanye n’indwara za Hépatite muri kino gihe zibangamiye isi n’Uburundi budasizwe inyuma. Aho ni mu gihe kuwa 28 Mukakaro Uburundi bwari bwifatanije n’isi mu guhimbaza umunsi wahariwe kurwanya uwo mugera wa Hépatite.