Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 31/07/2023

Publié le 31 juillet 2023 par Rédaction
I. Abadandaza bakorera mu masoko ya leta mu gisagara ca Bujumbura bazindutse bahagarika akazi kuri uno wa mbere. Imvo ngo n’ukugaragaza akababaro kabo gaturutse ku ngingo iheruka gufatwa n’ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’ama tagisi OBR, yo kuduza amafranga bariha ibibanza. Bagasaba ko iyo ngingo yohagarara.
II. Kuri ico kibazo nyene, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu busigura ko mu mwihwezo bwakoze, bwasanze harabayemwo amakosa mw’iduzwa ry’ibiciro ry’ibibanza vyo kudandarizamwo mu masoko. Mu kiganiro co kuri uyu wa mbere c’umushikiranganji Martin Niteretse asaba ikigo OBR ca leta kijejwe gutoza amakori, kwiga neza kandi ivyo biharuro kugira imyidogo y’abadandaza ihagarare. Akongera agasigura ko abajejwe intwaro bagiye gukora isuzuma, kugira barabe ko ata mudandaza asigaranye ikibanza kirenga kimwe.
III. Abanyagihugu bo muri komine Muha, zone Musaga, baratewe umutima uhagaze n’ubusuma bugize iminsi bwibonekeza, cane cane kw’ibarabara rya mbere n’irya kabiri, bamwe mu rwaruka rw’aho nyene ku Musaga bakaba badomwako urutoke mu bakora ubwo busuma. Abo banyagihugu bagasaba ko abajejwe intwaro aho ku Musaga gutorera inyishu ico kibazo.
IV. Kuri uno wa mbere ni ho hatanguzwa isuzumwa ry’ukuraba y’uko ivyo ubwoko mu nzego bibandanya vyisungwa canke bikurwaho, igikorwa catunganijwe n’inama nkenguzamateka i Gitega. Abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike babona ko uno munsi ico gikorwa kitari gikwiye umwitwarariko w’abarundi, kuko ivy’ubwoko vyari vyashizweho kugira ivyo gukumirana mu buryo bwose bihagarare mu barundi. Kubw’umushingwamanza Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC, Uburundi bwari bukwiye kwitaho mu maguru masha ibibazo bikuru bikuru bibuhanze harimwo gutahukana impunzi, ibibazo vy’umutekano n’ubutunzi.

V. Amakenga ni menshi ku mpunzi z’abarundi bari mw’ikambi y’i Nyarugusu iri mu gihugu ca Tanzaniya. Ni mu gihe atawemerewe kudandaza n’utuntu duto duto, yaba irengarenga canke ibindi, kuko abasungusungu b’abarundi baca babimena, bakabisanzaza. Amakuru dukura muri iyo kambi, amenyesha ko ubu ata mupolisi w’umutanzaniya akijuragiza izo mpunzi, ahubwo ico gikorwa bagishinze benewabo b’abarundi, aho uwurongoye iyo kambi yemereye abo basungusungu kuzobaronsa ubuhungiro bwa gatatu, ni babandanya baburagiza izo mpunzi z’abarundi gushika basubiye iwabo.

VI. Mu makuru y’inkino yaranze iyi ndwi twaraye dusozereye, muri basketball umugwi w’Urunani warasubirije mu ndumane umugwi wa Dynamo mu kuwutsinda ku w’Imana ku mugoroba. Mu mupira w’amaguru naho, Vital’o yaraye ikinye urukino rwa kivandimwe na Rayon Sport yo mu Rwanda, bakaba baranganije ibitsindo 2 ku bindi. Urukino rukaba rwabereye ku kibuga c’i Nyamirambo mu gisagara ca Kigali. N’ayavugwa muri Hand ball muraza kuyumva.

Ibindi bisa n'ibi