I. Abanyeshure 21.678 ku bagera ku 73.824 bakoze ikibazo ca leta ca concours, ni bo bamenye ikibazo gitanga uburenganzira bwo kubandanya igice ca kabiri c’ishure shingiro. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi François Havyarimana, hari kuri uyu wa kane mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru ku bijanye n’integuro y’umwaka w’ishure wa 2023 ushira uwa 2024. Uwo mushikiranganji avuga ko abashoboye kuronka amanota 68 ku 200, n’ukuvuga ibice 34 kw’ijana, ni bo bazorungikwa mu gice c’inyuma y’ishure shingiro.
II. Uwo mushikiranganji w’indero avuga kandi ko abazokwemererwa kuja mu mashure afise uburaro ari abaronse ibice 58 kw’ijana, mu gihe abo mu bwoko bw’abatwa nabo, ngo abazoba baronse 34 kw’ijana bazemererwa kwiga mu mashure afise uburaro.
III. Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu baba ku musozi wa Zege muri komine n’intara ya Gitega. Abo banyagihugu bamaze imyaka irenga itanu batagira amazi n’amatara, bakavuga ko barushe kubera imihango yo kubaronsa ayo mazi n’amatara bama bahawe, ariko bikaba impfagusa.
IV. Itangwa ry’isukari riherutse kuba mu ndwi iheze mu ntara ya Makamba mu badandaza ryaranzwemwo utunenge twinshi. Abanyagihugu na bo basanzwe bakoresha isukari bavuga ko vyabagizeko ingaruka mbi. Mu vyo bashikiriza harimwo ko igiciro c’isukari cashinzwe na leta kitubahirizwa kuko abadandaza bayihabwa bayinyegeza bakaca bayizimbako.
V. Bamwe mu bakenyezi b’impunzi z’abarundi bari mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya barakubaguwe n’abapolisi bo muri ico gihugu, ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu. Ivyo bikaba vyabaye inyuma y’aho uwitwa Sudi Mwakibasi arongoye igisata c’impunzi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati muri Tanzaniya yaheruka kuvuga ko ikibazo c’ihohoterwa c’impunzi akizi, kandi agiye kugikurikiranira hafi. Umwe mu mpunzi yaganiriye na Radiyo Inzamba agasaba Sudi Mwakibasi gukurikirana neza ico kibazo c’ihohoterwa ry’impunzi, nk’uko yabimenyesheje mu minsi iheze. Ijwi ryiwe ryahinduwe kubw’umutekano wiwe.
VI. Impunzi na zo z’abarundi zo mw’ikambi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya zivuga ko ziriko zigirwako iterabwoba n’abategetsi b’ico gihugu, kugira zitahuke ku nguvu. Izo mpunzi zikaba zifatira akarorero ku vyashikirijwe n’uwujejwe igisata c’impunzi muri ico gihugu Sudi Mwakibasa, aho yavuze ko hagiye gufatwa ingingo zikomeye ku mpunzi z’abarundi, harimwo no kwugara ibitaro mu makambi ngo kuko impunzi zikwiye gutahuka, kuko mu Burundi amahoro ari yose.