Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 31/10/2019

Publié le 31 octobre 2019 par Rédaction

Sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza yafashe kuri uno wa kane ingingo yo kugumiza mu munyororo abamenyeshamakuru bane n’umu dereva wabo bo mu kinyamakuru Iwacu. Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa, Thérence Mpozenzi, Egide Harerimana et Adolphe Masabarakiza bafashwe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu bafatiwe muri komine Musigati aho bari bagiye gutohoza ibijanye n’igitero cari cabaye mu ntara ya Bubanza. Bakaba baciye bafungirwa muri komisariya y’igipolisi bataramenyeshwa ico bahagarikiwe. Kuwa 26 Gitugutu icariho c’umushikirizamanza mu ntara ya Bubanza yari yafashe ingingo yo kurungika mw’ibohero rikuru ry’intara ya bubanza abamenyeshamakuru b’ikimenyeshamakuru IWACU n’umudereva wabo. Jean Marie NTAMIKEVYO akaba yagirije bagenzi bacu gukorana n’abashaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Ikinyamakuru Iwacu kikaba camenyesheje ko kigiye kwunguruza.

Iyo ngingo yafashwe na Sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza ni iyihonyanga amategeko. Ivyo bikavugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana asanzwe ari n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu FOCODE. Ku bwiwe ivyo vyerekana ko ubucamanza bw’i Burundi butidegemvya na gato.

Haraheze imyaka 4 neza na neza abapolisi bari barongowe na komiseri Désiré Uwamahoro yari arongoye igipolisi kijejwe kugwanya imigumuko bateye imodokari yarimwo abantu bari bavuye gushingura uwabo. Ivyo bikaba vyabereye i Buringa komine Gihanga iri mu ntara ya Bubanza. Muri ico gitero bivugwako abantu batari bake bishwe ; abandi barakomereka abandi baranyuruzwa.

Intumwa ya ONU mu Burundi Michel Kafando yaraye asezeye mu  mabanga yiwe. Akaba yabishikirije ku munsi w’ejo wa gatatu, imbere y’abagize inama nkuru y’umutekano kw’isi. Akaba yamenyesheje ko mu Burundi hakiri ingorane za politike zunyurwa n’ukutihanganiranira.

Icegera c’umukuru w’urunani CFOR Arusha arashima ingingo yo gutanga imihoho y’iyo ntumwa ya ONU mu Burundi Michel Kafando. Kubwa Frédéric Bamvuginyumvira, Michel Kafando yahuye n’inzitizi nyishi cane muri ayo mabanga yiwe ngo biboneka ko yariko atera ibidashika. Muri ivyo ngo harimwo gufasha abarundi ngo habe ibiganiro bihuza leta n’abarundi baharanira inaguka ry’amasezerano ya Arusha. Frédéric Bamvuginyumvira n’icegera c’umukuru w’urunani CFOR Arusha.

Umuyobozi w’indero muri Komine ya Rutovu mu ntara ya Bururi aragirizwa kuba ariko arakora ibikorwa vyokwinjiza abanyeshure mu mugambwe CNDD-FDD, mu gutera ubwoba ko abatavyemeye batazomenya ngo bunguruzwe. 

Ikibazo c’imicafu iriko irasukwa mu mihana yo muri zone ya Buterere mu gisagara ca Bujumbura n’ikibazo kirimwo uruhara rw’abategetsi. Ababa aho ku Buterere bagatunga urutoke abategetsi bo mugisagara ca Bujumbura uhereye ku mukuru w’igisagara Freddy Mbonimpa umwe mu bafise isoko ryo gukura imicafu mu gisagara. Kubona abo bategetsi bafise amasoko ngo nico gituma abajejewe intwaro bo hasi bataronka ico bavuga kurico kibazo.

Urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu akorera mu makambi y’impunzi z’Abarundi CBDH-VICAR, bahungiye mu bihugu vya Tanzaniya, Rwanda, Ouganda, Repubilika iharanira demokarasi ya Congo, Kenya na Zambia, rwandikiye igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu, aho rumenyesha ko mu makambi y’impunzi atandukanye yo mur’ico gihugu, impunzi z’abarundi ziguma zinyuruzwa n’imbonerakure zifatanije n’igipolisi ca Tanzania. Icegera c’uwurongoye urwo runani Léopoldo Sharangabo, atanga akarorero ko mu kambi ya Nduta aho abarenga 5 bamaze kuburirwa irengero.

Umutekano urakunda guhungabana mu makambi y’impunzi muri Tanzaniya. Impunzi zikavuga ko mu bawuhungabanya hoba harimwo abarungikwa n’ubutegetsi bw’Uburundi kuko hariho abamaze gufatwa muri bo. None abo bamenyekana bagafatwa bagashikirizwa igipolisi ca Tanzaniya barahava  bagahanwa ? Tuza kubabwira umwe muri abo yafatiwe mw’ikambi ya Mtendeli muri Nzero 2017. N’umukozi w’iperereza ry’Uburundi yahoze ari umurwanyi mu muhari Palipehutu FNL.

Ibindi bisa n'ibi