I. Abanyagihugu bo ku mitumba ya Nyakazi na Gasasa yo muri komine Mpinga-Kayove, mu ntara ya Rutana, ngo baratewe amakenga n’indwara imaze imisi yibonekeza kuri iyo mitumba. Iyo ndwara ngo ikaba imaze gufata abantu bababa 100, kuva mu ntango za Gitugutu. Abajejwe intwaro muri iyo komine bamenyesha ko iyo ndwara iva ku mazi mabi.
II. Ikigo OBR kijejwe kugenzura iyinjizwa ry’ibidandazwa mu gihugu carakoranije kuri uyu wa gatanu, abadandaza b’abakenyezi bakora urudandazwa ndengambibe. Kukaba kwari ukubamenyesha amategeko agenga urwo rudandaza, kuko bimaze kugaragara ko hariho abacisha ibidandazwa mu nzira za magendo.
III. Ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire rivugako ataco ryizeye mu kugwanya urwo rudandazwa rwa magendo. Iryo shirahamwe rikavuga ko bigoye kurugwanya, kuko usanga rukingiwe ikibaba n’abategetsi bo hejuru. OLUCOME isaba leta kwerekana ibikorwa biboneka mu kugwanya ivyo bita iforode; ntibiherere mu majambo gusa. Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME.
IV. Bamwe mu mpunzi z’abarundi bahungiye mw’isite ya Mulongwe, muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo, baritakambira ko igihe c’imvura kitaborohereje na gato, kuko batagira aho bakika umusaya. Utuzu babamwo ntitukigira ibisakazo, bagasaba HCR canke abandi bagiraneza kubagarukirako.
V. Ikigabane Kw’Isôko c’uno musi kigaruka ku bihano biherutse gufatwa na leta, bibuza abakoresha utumwanya tutabora mu Burundi.