Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 31/10/2022

Publié le 31 octobre 2022 par Rédaction
I. Hari impunzi y’umurundi yishwe, uwundi arakomeretswa cane mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatandatu mw’ikambi irimwo impunzi z’abarundi i Kakuma mu gihugu ca Kenya. Uwo yishwe n’ubu abavyeyi biwe ntibarabona ikiziga ciwe. Bamwe mu mpunzi bakagiriza abajejwe umutekano muri iyo kambi ko ari bo bakoze ubwo bwicanyi. Umwe muri izo mpunzi yavuganye na Radiyo Inzamba.
II. Umuyobozi mukuru wa ANAGESSA, igisata c’igihugu kijejwe ububiko bw’imfungurwa Evariste Manirambona, yarahagaritswe mu mabanga yiwe. Ingingo yafashwe ku wa 27 uku kwezi. Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi yagiriza iyo ndongozi kutarangura neza amabanga yashinzwe. Ni inyuma yaho amatoni menshi y’ibigori yaboreye mu bubiko bw’ico kigo. Kubw’umuhinga mu vy’uburimyi, ibifungurwa ntibipfa uko bibitswe, hari ibibanza gufatirwako mu kubibika. Ingérieur Didace Sinzinkayo.
III. Ingénieur Didace Sinzinkayo asigura kandi ko haba hakenewe n’uburyo bw’amafranga butuma hashirwaho ivyankerwa vyose mu kubika ibifungurwa.
IV. Ku bwa Faustin Ndikumana, gukura umuyobozi w’ikigo ANAGESSA bikwiye gukurikirwa n’amatohoza kugira hamenyekane abagize uruhara bose kugira ngo umwimbu ico kigo cari caguriye abanyagihugu wononekare. Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM, rikangurira abarundi guhindura ingendo, aho anavuga ko ivyabaye muri ANAGESSA, ishirahamwe PARCEM ryari ryavuze ko bishobora gushika bagishinga ico kigo. Asaba leta gukora imigambi yihwejwe neza kandi ishobora kugirira akamaro abanyagihugu.
V. Intebe zababa ibihumbi ijana ziriko zirakorwa mu ma komine yose y’igihugu kugira zizohabwe amashure. Hakaba n’ibindi bikorwa bitandukanye, nko kugaburira abana barenga ibihumbi amajana atandatu mu mashuri. Ivyo vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’indero, igihe yariko ashikiriza kuri uno wa mbere ivyatunganijwe n’ubushikiranganji arongoye muri aya mezi atatu ya mbere y’umwaka wa leta. François Havyarimana akavuga ko ari ibikorwa bizotuma abana biga neza kurusha.
VI. Umunyagihugu wese akwiye gukingira inyubakwa za leta nk’uko ari rwiwe. Ivyo bishikirizwa na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uno munsi wa mbere igenekerezo rya mirongo itatu na rimwe gitugutu (31/10), aho ahamagarira leta gukingira amabarabara na cane cane inkengera ryayo trottoirs, aho abagenda n’amaguru baca, ngo kuko usanga ari imiduga ihahagaze. Arongera agasaba leta kwubaka ibituro-parking-mu gisagara, yo guhagarikamwo imiduga, ikongera ikanarihisha imodoka yose ihahagaze.
VII. Basaba kuronswa isabuni z’amezi atanu baheraniwe. Abo ni impunzi z’abarundi bari mw’ikambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. Ni mu gihe kuri uyu wa mbere igisata mpuzamakungu kijejwe impunzi HCR cazindutse gitanga amasabuni abiri abiri kuri buri mpunzi ku kwezi, kandi cahora gitanga ane ane. Izo mpunzi zikavuga ko aho guhabwa zibiri gusa, bari kuronswa 24 buri mpunzi kuko basanzwe baheraniwe amezi atanu.
VIII. Mu makuru y’inkino, mu mupira w’amaboko basketball, umugwi Urunani warabiciye biracika I Dar es Salam, aho mu nkino zitatu wakinye wazitahukanye zose wirahiye imigwi yaserukiye Uganda, Tanzaniya na Zambiya. Nayo mu bigeme Young Sisters watwaye igikombe c’ihiganwa Legacy Tournament mu Rwanda. Mu mupira w’amaguru naho, umugwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20, waranyagiye uwa Djibouti mu rukino rwabereye muri Sudani kuri uyu w’Imana.

Ibindi bisa n'ibi